Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abasirikare babiri bahitanywe n'igitero c'umwiyahuzi muri Somalia
Abasirikare babiri bo ku ngazi zo hejuru bahitanywe n'igitero c'umwiyahuzi mu gisagara ca Galkayo mu ntara ya Mudug mu buraruko bushira hagati muri Somalia.
Hari n'abandi basirikare bapfuye muri ico gitero umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al Shabaab wemanze ko wagavye.
Umwe mu bafuye ni Gen Abdi Hukun Xoreeye, arongoye ingabo zo muri ico gisagara.
Umugwi Al Shabaab uramaze kugaba ibitero vyinshi muri Galkayo, ukaba ukigenzura uduce twinshi mu gihugu ca Somalia.