Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umwiyahuzi yishe abantu umunani muri Somalia
Abantu umunani bishwe inyuma y'aho umwiyahuzi yiturikirijeko bombe mu gisagara ca Galkayo, hagati mu gihugu ca Somalia, nk'uko biri ku rubuga rwa Dhacdo.com.
Uwo mwiyahuzi yari hagati mw'ihoteli za Capital na Uunlaaye.
Umukuru w'ico gisagara, Abdiasis Jama Guled yabwiye BBC ko abantu barenga umunani bapfuye.
"Hari abantu barenga umunani bapfuye, abandi umunani bababaye cane," ni ko yavuze.
Muri abo bitavye Imana harimwo Said Ali Yusuf, umutozakori mu karere ka Mudug, Puntland.
Umugwi wa al-Shabab wemanze ico gitero.