Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imodoka irimwo ibibombe yaturikiye hafi y'inama nshingamateka muri Somalia
Imodoka irimwo ibibombe yaturikiye ku masanganzira acako abantu benshi hafi y'inama nshingamateka i Mogadishu muri Somalia.
Ntawuramenya abahapfiriye canke abahakomerekeye.
Amasaha make imbere yaho, iyindi modoka irimwo bombe yaturitse iriko iraja mu gisagara hagati, ariko bikaba vyafashwe nk'impanuka.
Ku munsi wa Gatanu, abantu 14 barapfuye mu gitero c'ikamyo ifise amabombe hafi y'ihoteli ikundwa cane i Mogadishu.
Umugwi w'aba jihadistes Al Shabaab niwo ukunze kugaba ibitero muri ico gisagara.