Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inama nshingamateka ya Zimbabwe yahamagaje Mugabe kwisigura kuri Diyama yibwe
Inama nshingamateka ya Zimbabwe yahamagaje uwahoze arongoye ico gihugu Robert Mugabe gusigura ivyo yigeze kuvuga ku busuma bwinshi bwa diyama.
Mugabe yagirije amashirahamwe yo hanze yimba ubutare ko "anyonora" kandi "yibisha amayeri" mu kiganiro yatanze ku mboneshakure y'igihugu mu 2016.
"Amakompanyi yarivye akoresheje amayeri ubutunzi bwacu," ni ko yavuze, yongerako ko mu kigega ca reta caronse amahera make agera ku miriyaridi 15 z'amadolari.
Ntibiramenyekana ko uwo mugabo w'imyaka 94 azokwemera kwitaba uwo mugwi.
Yahatiwe gutanga imihoho mu kwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze, inyuma y'aho igisirikare kimuhagarikiye mu mabanga, ariko akaba yagumanye uburusho bwose buhabwa uwahoze ari umukuru w'igihugu.
Hagati aho, Ubwongerez bwavuze ko "buzoshigikira bwivuye inyuma" ukugaruka kwa Zimbabwe muri Commonwealth, bivuye ku biganiro vyabereye i Londres hagati ya Boris Johnson ajejwe imigenderanire n'amakungu hamwe na mugenzi we wa Zimbabwe Sibusiso Moyo.
Gen Moyo ni we yamenyesheje ko igisirikare cafashe ubutegetsi mu kwezi kwa cumi na rimwe, vyatumye Mugabe atanga imihoho.