Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urwamo rw'amasasu n'ibiturika vyumvikanye i Ouagadougou
Urwamo rw'amasasu n'ibiturika vyumvikanye mu gisagara ca Ouagadougou, umugwa mukuru wa Burkina Faso, gushika ubu ariko ivyabaye bikaba bitaramenyekana neza.
Ababibonye bavuga ko babonye abantu banyegeje mu maso, bafise amasagoshi mu mugongo bahangana n'abacunze ku bwinjiriro bw'inyubakwa y'igisirikare, bakavuga ko na ambasade y'Ubufaransa yatewe.
Ubutegetsi bwa Burkina Faso bwavuze ko bane mu bagavye igitero bishwe kuri ambasade y'Ubufaransa, bandi batatu bicwa ku biro bikuru vy'igisirikare.
Ntawuramenya abari inyuma y'ico gitero, ariko Burkina Faso ikunze gutegwa n'abagwanyi bafitaniye isano na Al Qaeda.
Ico gihugu kimaze igihe kidatekaniwe ku bijanye na politike, muri ino ndwi abantu baharugwa mu mirongo bikekwa mu kugerageza guhirika ubutegetsi mu 2015 bariko baciribwa urubanza.