Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abashatse gutembagaza ubutegetsi Burkina Faso barengutse
Abantu bashika 80 bagirizwa gushaka gutembagaza leta ya Burkina Faso mu 2015 barengutse imbere ya sentare ku murwa mukuru w'ico gihugu, Ougadougou.
Bagirizwa ivyaha birimwo kugambanira igihugu, ubwicanyi hamwe no guhungabanya inzego z'umutekano z'igihugu.
Uwahoze ari umugaba w'inteko zirinda umukuru w'igihugu, Generale Gilbert Diendere, ari muri abo barengutse.
Yakorana vya hafi n'uwari umukuru w'igihugu, Blaise Compaore, yatanze imihoho nyuma y'imigumuko yo kumwiyamiriza mu 2014.
Abantu bashika cumi na batanu barahasize ubuzima abandi barenga amajana abiri barakomereka, igihe haba iryo gerageza ryo gutembagaza ubutegetsi.