Trump arabeshuza ko ashaka kwirukana umunyamategeko Mueller

Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida wa Amerika Donald Trump yabeshuje ibivugwa ko ashaka kwirukana mu kazi umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller, ariko aragira amatohoza ku bivugwa ko Uburusiya bwivanze mu matora yo mu 2016 muri Amerika.
Ukutumvikana kuguma kwongerekana hagati y'ibiro vy'umukuru w'igihugu hamwe n'umushikirizamanza Mueller n'abakozi biwe.
Ku wa gatandatu, umushingwamanza w'abafashije imyiyamamazo prezida Trump yavuze ko ibihumbi n'ibihumbi vy'ubutumwa bwa mail zafashwe hadakurikijwe amategeko n'umugwi ufasha Mueller.
Yishura ku bibazo vyerekeye ayo matati, prezida Trump yavuze ko "ibintu bitifashe neza cane" kandi ko abamushigikiye " babona ko barenganywa".
"Sinshobora kwibaza ko hari ikirimwo(muri izo mail) mu vyo ukuri, kubera nk'uko twamye tubivuga, ntitwigeze dukorana na bo (Uburusiya)", ni ko yavuze agarutse avuye mu karuhuko i Camp David.
Ubutegetsi bwiwe burahakana ko bakoranye n'Uburusiya mu gihe c'amatora mu 2016 kandi na Trump avuga ko ivyo ari ivyo kumucafuza gusa.

Ahavuye isanamu, Reuters
Yishura ikibazo c'umumenyeshamakuru ku biro vyiwe, ko yoba ashaka kwirukana Mueller, Trump yishuye:" Nta na gato".
Abashingamateka benshi b'abademoktare berekanye amakenga bafise, no ku musi wa gatnu umutegetsi mukuru w'uwo mugambwe muri komite ishinzwe iperereza mu nama nshingamateka Adam Schiff, yavuze ko afise amakenga ko abashingamateka b'abarepublicain boba bashaka kwirengangiza ayo matohoza.
Abategetsi benshi bafashije Trump mu myiyamamazo bagirizwa ibintu bitandukanye muri ayo matohoza.










