Zimbabwe: Mugabe araganira n'umukuru wa gisirikare kuri kazoza kiwe

Prezida wa Zimbabwe Robert Mugabe arahura n'abakuru ba gisirikare mu gihe amajwi menshi amusaba gutanga imihoho.

Ibiganiro biza kuba birongowe n'umupadiri w'umukatolika, nk'uko imboneshakure ya reta ibivuga.

Mugabe amaze umwanya munini yugaraniwe mu nzu iwe kuva igisirikare kimuhagaritse ku butegetsi ku musi wa gatatu.

Umugambwe uri ku butegetsi wa Zanu-PF na wo uraza kugira inama yo kwiga ko wohagarika mu mabanga yiwe uwawushinze akaba ari na we amaze igihe kirekire awurongoye.

Igisirikare camuhagaritse ku butegetsi inyuma y'aho Mugabe w'imyaka 93 yirukaniye icegera ciwe Emmerson Mnangagwa mu mabanga yiwe.

Iyirukanwa rya Mnangagwa ryatumye umupfasoni wa Mugabe, Grace Mugabe ari we aza imbere mu kwitoza kuba prezida mu matora yimirije.

Vyasa n'uko ari azocas aba icegera c'umukuru w'igihugu mu gihe umugambwe Zanu-PF wari kumwemeza.

Mugabe yari arongoye igihugu ca Zimbabwe kuva cikukira mu 1980.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi barihereje amabarabara ku musi wa gatandatu bashimira igisirikare banasaba ko Mugabe atanga imihoho.

Bagenda baratabagura ifoto za Mugabe baca aho yahora akorera no ku muhana iwe.