Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igihugu ca Zimbabwe kirindiriye kumenya kazoza ka Mugabe
Amakuru ava mu gihugu ca Zimbabwe amenyesha ko abashikiranganji bo kwivuna abansi hamwe n'ab'umutekano bo mu karere ka Afrika Yepfo bategekanya guhura na Robert Mugabe hamwe n'abarongoye igisirikare bapfungiye umukuru w'igihugu mu nzu.
Urwo ruhagarara ruri muri Zimbabwe ruriko rurihwezwa mu gihugu kibanyi ca Botswana, mu nama y'ibihugu vyo mu muryango SADC.
Igisirikare nico kigenzura Zimbabwe kuva ku munsi wa gatatu mu vyikekwa ko kwoba kwari guhagarika Grace Mugabe, ntashikire uburongozi bw'igihugu.
Abazi utuntu n'utundi biteze ko icegera c'umukuru w'igihugu aheruka gukugwa, Emerson Mnangagwa, ashobora guca afata ubutegetsi.
Ariko umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi MDC umaze gutangaza ko kizigenza wawo, Morgan Tsvangirai (yariko aravugwa cancer inyuma y'igihugu) amaze kugaruka i Harare -- hagashobora gufundikwa amasezerano ya politike.
(Bivugwa ko hari umupatiri wa Ekleziya Gatolika yoba ari mu biganiro vyo kurondera ko Bwana Mugabe yokura meza.)