Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uburundi bwavavanuye na sentare mpuzamakungu CPI
Mu kiganiro rusangi, umushikiranganji ajejwe ubutungane mu Burundi, Aimee Laurentine Kanyana yamenyesheje ko Uburundi buvavanuye na sentare Mpuzamakungu mpanavyaha CPI.
Umushikiranganji Kanyana yavuze ko haheze umwaka wose bandikiye iyo sentare ko bipfuza kuyivamwo.
Inyuma y'uwo mwaka iyo sentare ngo nta nzitizi yerekanye yotuma Uburundi budakinjura.
"Inama nshingamateka yarakoranye, iravuga ko yiyamirije iyo sentare. Ivyo yakoze mu bihugu vya Afrika si vyiza, bati reka tubohore abarundi tureke kubaboha. Urwandiko rujanye n'iryo twararushikirije abo bigenewe. Baratubwiye ko turindira umwaka nk'uko amategeko abivuga, kugira tweihweze neza ko tugishaka kuvamwo. Gushika uyu musi nta ntambamyi Uburundi bwabonye, nta deni dufitiye sentare, nta rubanza dufiseyo, Uburundi rero buvuyemwo neza, mu mahoro n'umutekan, nta gifashi na kimwe- Uburundi buravuye muri iyo sentare," uko ni ko umushikiranganji Kanyana yavuze.
Yavuze kandi ko Uburundi bugishigikiye icatumye bushira umukono ku masezerano ashinga sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ariko ko biyamirije uko ashirwa mu bikorwa.
Ico kiganiro cari catumiwemwo abarabwa n'ikibazo c'ubutungane harimwo n'inyamiramabi, aho yabahaye itegeko ko bategerezwa kuvavanura n'ingeso yo kurya ibiturire no guhonyanga agateka ka zina muntu.
Umushikiranganji Kanyana yahamagariye abajejwe intwaro aho baherereye hose kuba ijisho rya reta, hagatuzwa ingeso yo gucinyiza abarundi.
"Birababaje igihe umupoilisi afashe umuntu akamumarana indwi yose, akamurekura amubwira ngo nasanze ata co wagirizwa." uko ni ko Kanyana avuga.
Yasavye abashikirizamanza kuva baragendera ubusho kugira bakurikirane ku musi ku musi ibihakorerwa kugira ntihagire uwurengana.
Ku musi wa gatatu, abavugizi b'ubushikiranganji butandukanye bari batanze ikiganiro rusangi aho bari baramutse bamenyesha ibinyoma cumi bavuga ko vyabeshewe Uburundi n'ababigizemwo uruhara, mu gihe hari hasigaye imisi ibiri gusa ngo Uburundi buve mu masezerano ashinga sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI.
Uburundi bubaye igihugu ca mbere cashize umukono ku masezerano ashinga sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI kiyivanyemwo.