Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Korea ya ruguru yagerageje ibindi bisase
Korea y'epfo ivuga ko Korea ya ruguru yagerageje kandi ibindi bisase bibiri, ivyerekena ku mugaragaro ko ibihano bafatiwe na Onu vyerekeye ubutunzi.
Ico gihugu kivuga ko igisase ca mbere nta co cashitseko, ariko ica kabiri cashitse ku birometero amajana ane.
Umuvugizi w'umushikiranganji w'ubumwe bw'igihugu, Joon-hee yavuze ko iryo geragezwa rirenga ku bihano bafatiwe.
"Itera ry'ivyo bisase bakoresheje ubuhinga bwo mu kirere, riteye kubiri n'ibihano vy'amakungu. N'agasomborotso kuri twebwe. Turahanura ko vyoba vyiza kuri Korea ya ruguru, kwongoreza inguvu mu kugarukana amahoro mu karere, n'imibereho y'abantu bayo." ni ko yavuze.
Na yo umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe yiyamirije iyo nyifato ya Korea ya ruguru.
"Uyu musi hatewe ibisase hakoreshejwe ubuhinga bwo mu kirere, uku ni ukurenga ku mategeko bigaragara y'akanama ka Onu kajejwe umutekano. Ntituzovyemera kandi ugiye gutegura ingingo yo kuvyiyama," ni ko uwo mushikiranganji wa mbere yavuze.