Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umupfasoni yakoze imyiyerekano ari gusa
Ingingo y'umupfasoni umwe yize cane yo guta impuzu asigara ari gusa mu gihugu ca Uganda, yatumye haba uguharira muri ico gihugu.
Inyuma yo kubabazwa n'ingingo yo kugara ibiro vyiwe yafashwe n'abategetsi ba kaminuza ca Makerere, Stella Nyanzi yakuye impuzu zose nk'inzira yo kwanka iyo ngingo.
Mu nyuma yemerewe kwinjira mu biro vyiwe.
Benshi mu bamushigikiye bavuze ko vyabaye ngombwa ko akora ivyo kubera ivyo bari bamukoreye.
Abadashima ivyo yakoze bavuga ko ku karanga k'abapfasoni kuko bidakwiye ko umupfasoni yiyambura mu bantu.
Ikimenyeshamakuru ca New Vision co mu gihugu ca Uganda kivuga ko umushikiranganji ajejwe akaranga yasavye ko umupfasoni Nyanzi afatwa.