RD Congo: MSF ivuga ko igiye kwugara ikigo kivura Ebola c’i Elikiya
Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbiye MSF ryatangaje ko ritegekanya kwugara ikigo kivura abarwaye Ebola kiri i Elikiya mu gisagara ca Bunia, mu mpera za Gitugutu (10), mu gihe ririko rirahindura uburyo rivyitwaramwo mu guhangana n’irandagata ry’ico kiza rikibandanya muri Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (RDC).
Ico kigo cari mu vya mbere vyashinzwe mu buryo bwihutirwa i Bunia igihe ikiza ca Ebola cakomera muri Ruheshi (6) uyu mwaka. MSF imenyesha ko mu mezi ane aheze, cavuriwemwo abagwayi ba Ebola 572.
MSF ishimangira ko kuva ico gihe hashinzwe ibindi bigo bivura ico kiza mu bisata bitandukanye vy’igisagara, ku buryo ubu hari ibibanza bihagije vyo kwakira no kuvura abarwayi.
Imirwi y’ubutabazi bwihutirwa izoca irungikwa mu tundi turere twakozweko n’ico kiza, aho ibikeneye gukorwa ari vyinshi kuruta.
Ibikorwa vyo kwegera no kumenyesha abanyagihugu ibijanye na Ebola mu makaritiye ya Bigo, Ndibe na Nzere yo muri Bunia, na vyo nyene bitegekanijwe kurangira hagati mu kwezi kwa Munyonyo (11). Ariko MSF ivuga ko muri rusangi izobandanya gufasha mu bikorwa vyo guhangana na Ebola, igasaba abanyagihugu kuguma bari maso no kumenyesha ningoga inzego zibijejwe igihe bokwikeka ko hari umuntu yanduye iyo ndwara.
Ibitigiri vya vuba vyatangajwe n’inzego z’igihugu zirwanya Ebola vyerekana ko ico kiza kibandanya gukwiragira. Amakuru ya nyuma yo ku wa 18 Gitugutu (10) yerekana ko abantu bashasha 97 bemejwe ko banduye Ebola mu ntara za Kivu ya Ruguru, Ituri na Haut-Uélé.
Muri ico kiringo nyene, izo nzego zatangaje abantu 41 bapfuye. Muri abo, 30 bapfiriye mu kibano, abandi 11 bapfira mu bigo bivura Ebola. Abarwayi 20 na bo batangajwe ko bakize inyuma y’uko ibipimo vyerekanye incuro zibiri ko batagifise Ebola.
Kuva ico kiza cadutse, muri RDC hamaze kwandikwa abantu 9.552 bemejwe ko barwaye Ebola. Muri bo, 4.602 barapfuye. Ivyo bigasigura ko abarenga 48 kw’ijana vy’abanduye bapfuye.
Intara ya Ituri ni yo ikibandanya kwibonekezamwo cane ico kiza. Ni yo ifise hafi ibice bitatu vya kane vy’abarwayi bose bemejwe.
Izindi nkuru wosoma: