Ikivuko c'ubudandaji muri Oman catewe n'indege zitagira abadereva
Mu gisagara ca Oman, itanki y'igitoro ku kivuko ca Duqm yagabweko igitero c'indege zitagira umudereva , nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru ry'ico gihugu.
Umwe mu bajejwe umutekano atavuzwe izina yavuze ati: "Ivyononekaye vyaciye bishirwa ku murongo ata muntu n'umwe ahasize ubuzima canke ngo ahakomerekere."
Ico kivuko nyene catewe n'indege zitagira umudereva mu mpera z'indwi iheze. Umwe mu bakozi yarakomeretse, nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru.
Mu gihugu kibanyi ca Qatar, ku wa mbere harahagaritswe ibikorwa vyo gukora gaz, ahakorerwa hafi ica gatanu c'iyikoreshwa kw'isi yose, inyuma y'ibitero vya Irani ku bibanza vyayo. Arabie Saoudite kandi yahagaritse ibikorwa vy'uruganda rwayo runini rwo gutunganya petroli.
Oman imaze imyaka myinshi ari umuhuza akomeye mu biganiro hagati ya Amerika na Iran - ibiganiro biheruka vyabereye muri ico gihugu mu kwezi guheze, aho umushikiranganji w’imigenderanire ya mbere wa Iran, Abbas Araghchi, yavuze ko ivyo biganiro ari "intango nziza".