Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Man U: Ralf Rangnick avuga ko ivyo kuwanira ubukapiteni hagati ya Maguire na Ronaldo ari 'ibinyoma'
Umumenyereza mfatakibanza wa Manchester United Ralf Rangnick avuga ko amakuru y'ukutumvikana kuri hagati ya kizigenza Harry Maguire na Cristiano Ronaldo ari "ikinyoma ceruye".
Inkuru yanditswe n'ikinyamakuru Mirror ivuga ko aba bakinyi babiri "bai mu rugamba rukomeye" barwanira kuba kizigenza.
Rangnick avuga ko yabwiwe ivy'iyo nkuru yanditswe ariko ko itamuhagaritse umutima "kuko ndazi ko atari iy'ukuri".
Uyu Mudagi ati: "Iki ni ikinyoma ceruye - sindigera mvugana n'aba bakinyi ibijanye n'ikibanza ca kizigenza".
"Ico nta ngorane cigeze kintera. Harry ni we kizigenza wacu kandi azobandanya ari kizigenza wacu".
Maguire yagenywe kuba kizigenza n'uwahoze ari umumenyereza w'uyu murwi Ole Gunnar Solskjaer. haraciye imyaka ibiri, ariko iyo nkuru yanditswe muri ico kinyamakuru ivuga ko igaruka rya Ronaldo w'imyaka 27 muri uyu murwi ritamworohereje.
Aciye ku mbuga hwaniro, uyu mukinyi w'inyuma w'Ubwongereza avuga ko iyi nkuru atari yo kandi ko we na bagenziwe "banama rimwe kandi bafise intumbero imwe" yo kwitegurira urukino rw'ejo ku wa Mungu na Leeds United.
Rangnick yongerako ati: "Ni ukuri nta mutima usimba kuko ndazi ko ari ikinyoma. Ivyo sinigera navyumviriza kuko ikindaje ishinga ari ugutegura umurwi wanje".
"Numvise ivyanditswe. Ni vyo, hariho abakinyi batanezerejwe n'ingene akadirisha k'igura n'igurishwa ry'abakinyi ryaheze. Ibi vyararenganye kandi icuka mu murwi ni ciza ugereranije no mu ndwi nkeya ziheze".
"Ikituraje ishinga ni ugukina neza kandi tukerekana ubumwe ku kibuga. Ico ni co twokwitaho".
Rangnick avuga ko yari aherutse kubwirwa ibijanye n'ubushamirane busanzwe buri hagati ya Manchester United na Leeds kandi ko arindiranye igishika no gukinira kuri Elland Road (ikibuga ca Leeds United) yuzuye.
"Twari dufise imirwi mikeya ihangana bikomeuye mu Budagi. Ariko, umurwi wacu ufise uburambe bukomeye bwo buhangana n'imrwi mu bihe nk'ibi.
"Uko ndabizi, ni rwo rukino rwa mbere [kuri Manchester United] ikibuga ca Elland Road cuzuye, haraciye igihe. tuarurindiranye igishika".