Umusatirizi Mohamed Salah wa Liverpool avuga ko ata bintu bihanitse asaba mu masezerano mashasha

Umusatirizi wa Liverpool umunya-Misiri Mohamed Salah avuga ko ata bintu bihanitse ariko arasaba mu biganiro ku bijanye n'amasezerano mashasha muri uyo murwi.

Uyu mukinyi mpuzamakungu wa Misiri azokwiza imyaka 30 mu kwa gatandatu, akaba asigaje amezi ari musi ya 18 mu masezerano afitaniye na Liverpool, avuga ko ari aho umurwi wiwe kwerekana ko ushima ivyo yawufashije gushikako.

Imbere y'aha, Salah yari yamaze kumenyesha ko yipfuza kuguma muri uyu murwi.

Salah yabwiye ikinyamakuru GQ ati: "Nipfuza kuguma mu murwi, ariko si jewe mfata ingingo. Ni bo bafata ingingo. Si ndiko ndasaba ibintu bihanitse".

Salah yarafashije Liverpool gutsindira ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya (Ligue des champions/Champions League) hamwe n'ihiganwa ry'Ubwongereza (Premier League) kuva yinjiye muri uyu murwi mu 2017. Yongerako ati: "Ikiriho ni uko, iyo usavye ikintu hanyuma bakakwereka ko bashobora kuguha ikintu, [botegerezwa] kuko bashima ivyo wakoreye umurwi".

"Uyu ni umwaka ugize gatanu nshitse ng'aha. Ndazi neza uyu murwi. Ndakunda abafana. Abafana barankunda.

"Ariko ku bijanye n'uburongozi, barabwiwe ingene ibintu bimeze. Ibintu biri mu minwe yabo".

Abajijwe nimba yari afise indoto yo kwitwa umukinyi wa mbere kw'isi, Salah, umukinyi amaze kwinjiriza Liverpool ibitsindo 148 mu nkino zose, avuga ati: "Umbajije nimba ari co canzanye hano? Ego, ni vyo.

"Ni ukuri sinohava mbesha ngo mvuge ko ntavyiyumviriye. Ndashaka kuba umukinyi wa mbere kw'isi. Ariko nzobaho neza n'aho ntotsindira [umupira w'inzahabu/Ballon d'Or]. Ubuzima bwanje ntaco bubaye, vyose bimeze neza".

Muri kino gihe Salah ari mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika (CAN/AFCON) mu murwi nserukiragihugu wa Misiri, aho nijoro Nigeria yayitsinze igitsindo kimwe ku busa.

Umwihwezo -'Kubera iki utogumana umukinyi wa mbere kw'isi muri kino gihe?'

Ingene Glenn Murray yahoze ari umusatirizi wa Crystal Palace na Brighton yabwiye BBC Radio 5 Live

Salah yagarukanye ibihe vy'iteka i Anfiled (ikibuga ca Liverpool) - ni ntasubirizwa. Arironderera we nyene amahirwe yo gutsinda, ari naho atandukaniye n'umukinyi nka Erling Braut Haaland, ntarindira ko bamushirira kw'isahani.

Ni umuntu yama ameze neza ku mubiri, arakomeye, agenda atera imbere gusumba, kubera iki utogumana umukinyi wa mbere kw'isi muri kino gihe?