Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intamba z’u Burundi zatsinzwe umukino wa kabiri na Madagascar
Ikipe y'igihugu y'u Burundi yatsinzwe 1 - 0 na Madagascar mu mukino wayo washoboraga kuyiha amahirwe yo gukomeza mu mikino ya 1/8 y'igikombe cy'Afurika cy'ibihugu.
Madagascar nayo yari ikeneye cyane gutsinda uyu mukino ngo yongere amahirwe yo gukomeza.
Yabigezeho kuko yahise igira amanota ane muri iri tsinda B, iba iya kabiri inyuma ya Nigeria.
Intamba z'u Burundi na Barea ya Madagascar zombi ni ubwa mbere zigeze mu gikombe cy'Afurika. Intamba ni zo zagerageje kwiharira umupira mu mukino wazihuje, ariko si zo zatsinze.
Igice cya mbere cyarangiye amakipe yombi anganya ubusa ku busa, nubwo Madagascar hari uburyo bubiri yahushije bwo gutsinda, umunyezamu Jonathan Nahimana agahagarara neza.
Mu gice cya kabiri, Intamba mu Rugamba zagerageje gusatira no kwiharira umupira, ariko ntibitange umusaruro.
Ku munota wa 76, Madagascar yabonye 'coup-franc' hafi y'izamu maze Marco Ilaimaharitra ayitera neza mu ruhande umunyezamu w'Intamba atari ahagazemo kiba igitego.
Umutoza w'u Burundi yinjijemo abakinnyi Mohamed Amissi na Laudit Mavugo, basimbuye Saido Berahino na Amissi Cedric, ariko iki gitego ntibabashije kucyishyura kugeza umukino urangiye.
Intamba mu Rugamba zizakina umukino wa nyuma na Guinea ku cyumweru, Madagascar ikine na Nigeria.
Amahirwe y'u Burundi asigaye ni macye cyane. Ni ugushakira mu makipe ya gatatu yitwaye neza, nabwo bisabye gutsinda Guinea ibitego byinshi bagategereza uko byagenze mu yandi matsinda.
Guinea, ubu ifite inota rimwe, nayo izaba ishaka cyane gutsinda u Burundi ibitego byinshi yizeye ko Nigeria itsinda Madagascar maze nayo ikagira amanota ane ikaba iya kabiri.