Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukinyi w'amareresi Arnold Schwarzenegger yakubiswe umugere muri Afrika y’Epfo mu gihe c'ibikino
Ireresi yerekana umukinyi w'amareresi rurangiranwa wa Hollywood, Arnold Schwarzenegger, atewe umugere nkino zariko zibera muri Afriya Y'Epfo.
Uyo yahoze ari buramatari w'intara ya California muri Leta zunze Ubumwe za Amerika yakubiswe umugere ubw'inyuma ariko araganira n'abakunzi mu gihe hariko haba ihiganwa ry'ugusimba umugozi mu nkino zamwitiriwe, Arnold Classic Africa.
Uyo yamuteye yerekanywe nawe afashwe ahejeje gukora iryo bara.
Schwarzenegger wewe yashimiye abakunzi biwe ku mwitwarariko berekanye, avuga ariko ko "ata ngorane".
Iyo reresi yakwiragijwe cane ku mbuga hwaniro yerekana umugabo yasimbiye kuri Schwarzenegger akamutera umugere mu gihe yariko yifotoza n'abakunzi yongera afata n'amasanamu muri ivyo bikino vyariko bibera mu gisagara ca Johannesburg ejo ku munsi wa gatandatu.
Aciye ku rubuga hwaniro rwa Twitter, Schwarzenegger yandikiye abakunzi biwe barenga imiliyoni zine bamukurikirana kuri urwo rubuga ati: " Nabanje kwibaza ko nariko nsunikwa n'abarorerezi kuko ivyo vyama biba kenshi. Nagiye kumenya ko nakubiswe mbonye iyo reresi nka mwebwe mwese".
Abategetsi bamenyesheje ko uyo mwene gukora ivyo yaciye ashikirizwa igipolisi.
Uyo mukinyi azwi nka Terminator canke Commando n'ayandi mazina mu mareresi yakinye, yaciye asaba abakunzi biwe ko bokwibanda ku bariko bahiganwa, bibagire ivy'ico gitero.
Yanditse kuri Twitter ati: " Dufise inkino 90 hano muri Afrika y'Epfo yitiriwe ArnoldSports, ihuza abahiganwa ibihumbi 24 b'imyaka itandukanye n'ubuhinga butandukanye. Reka tubahe iryo teka".
Iryo higanwa Arnold Classic Africa ryama riba mu kwezi kwa gatanu uko umwaka utashe, rikaba rigizwe n'inkino zitandukanye, harimwo ukwinonora imitsi be n'inkino z'ugukubitana.