Umumenyereza Solskjaer avuga ko "David de Gea ashobora kuba umunyezamu wa mbere wa United"

Umumenyereza mfatakibanza wa Manchester United Ole Gunnar Solskjaer, yavuze ko umunyezamu David de Gea ashobora kuba umunyezamu wa mbere mwiza wa Manchester United.

Uwo munya Espagne w'imyaka 28, yahagaritse umupira incuro 11 mu rukino United yatsinzemwo Tottenham 1-0 ku kibuga ca Wembley.

Mu myaka 11 yakinye muri United ari umusatirizi kuri Old Trafford, Solskjaer yakinanye na Edwin van der Sar na Peter Schmeichel.

Solskjaer avuga ati: "Twarigeze kuronka abanyezamu bakomeye muri uno mugwi, nkaba nibaza ko amaze gushira ku ruhande Edwin na Peter mu kibanza ca mbere mu mateka y'umugwi."

Kugarura ibitsindo incuro 11 nibwo bwa mbere bishitse mw'ihiganwa rya Premier League, De Gea akaba kandi atatsinzwe muri urwo rukino yafashijemwo United gushika ku ntsinzi zitandatu ku nkino zitandatu ku bumenyereza bwa Solskjaer.

Uwo mukinyi aturuka mu gihugu ca Espagne yagiye muri United avuye muri Atletico Madrid mu 2011, akaba amaze gutwara incuro zine agashimwe k'umukinyi wa mbere w'umugwi muri ano mahiganwa atanu aheruka.

"Narakinye n'abanyezamu beza. Twamye tubaronka, uno nawe yagiye atera imbere. Arakwiye kwitirigwa urukino rw'uno munsi."

Kuba United yatsinze yikurikiranya inkino zitanu za ligue, vyatumye ija mu kibanza ca Gatandatu aho inganya amanota n'umugwi Arsenal uri mu kibanza ca gatanu, ikaba iri inyuma amanota atandatu mu bibanza vya Champions League.

De Gea yavuze ati: "Turacizeye kurangiza ihiganwa muri bane ba mbere."

"Turi United, dufise abakinyi beza, tugwana ngo duheze muri bane ba mbere.

"Vyari vyifashe neza i Wembley. N'amanota atatu ahambaye, ndanezerejwe n'ingene twakinye neza, turondera ingene twotsinda kandi dusatira cane.

"Twakinye incuro zitatu zikurikiranya ata mugwi utwinjije, ivyo bikaba ari vyiza. Abakinyi bararyohewe, ivyo urabibona ku kibuga, kandi bakina babishaka, nk'aba Manchester United nyene."

xxx