Eden Hazard ari mu madidane yo kuguma muri Chelsea canke kwimukira muri Real Madrid

Umukinyi w'imbere wa Chelsea Eden Hazard avuga ko ari mu madidane yo gushira umukono ku yandi masezerano na Chelsea canke kubandanya indoto yiwe yo kwimukira muri Real Madrid.

Uwo mukinyi w'imbere w'Ububiligi aracasigaje imyaka ibiri muri Chelsea, ariko vyagumye binuganugwa ko yashaka kwimukira muri uwo mugwi watwaye igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo mu ci riheze.

Hazard amaze gutsinda incuro indwi mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza uyu mwaka.

Uwo musore w'imyaka 27 yabwiye ibinyamakuru ati:"Nsinshaka kuvuga. 'Ego ndiko ndashira umukono ku maseaerano mashasha' hanyuma impera n'imperuka sinzohereza kuguma nsinya."

"Nshaka icoba ciza kuri jewe, ariko kandi nshaka icoba ciza ku mugwi kuko uyu mugwi nta co utampaye.

"Nzobiraba. Rimwe na rimwe mu mutwe wanje, ndavyuka mu gitondo nkaca niyumvira kugenda. Rimwe na rimwe niyumvira kuguma aha.

"N'ingingo igoye gufata. Ni kazoza kanje."

Hazard yaratsinze igitego mu rukino Chelsea yatsinzemwo Southampton ibitego 3-0 ikaba n'ubu itaratsindwa na rimwe mu iyi ntango y'ihiganwa.

Uwo mukinyi w'ibere arizeye ko ashobora kwimukira mu wundi mugwi ukomeye imbere y'uko aheba gukina umupira, anavuga ko umugwi wa Real Madrid wo muri Espagne ari wo "mugwi wa mbere mwiza kw'isi".

Hazard avuga ati:"Ni co gituma nacuye mu gacerere inyuma y'igikombe c'isi kandi nibaza ko hageze ko mpindura kubera nakinye neza mu gikombe c'isi."

Mu kwezi kw'indwi yari yavuze "Harageze ko ndaba ibindi bishasha " inyuma y'imyaka itandatu ndi muri Chelsea.

"Ubu nkina umupira mwiza.

"Real Madrid ni umugwi wa mbere mwiza kw'isi. Nsishaka kubesha uyu musi. Zari indoto zanje kuva nkiri umwana. Nagumye ndota gukinira uwo mugwi.

"Tuzobiraba. Nsinshaka kuguma mvuga ibi bintu buri musi, nta mwanya ndabifitiye. Ariko tuzovuga ivyerekeye kazoza kanje vuba."