Aubameyang yateje iteka Arsenal mu rukino rwa Europa League

Ibitsindo bibiri vy'umukinyi w'imbere wa Arsenal Pierre-Emerick Aubameyang mu rukino rwa Europa League mu muce E bahura na Vorskla Poltava yo muri Ukraine vyateje iteka umugwi n'umumenyereza.

Kuva imbere yuko Aubameyang yinjiza igitsindo ca mbere ca Arsenal, uwo mugwi w'aba Gunners vyaribonekeza ko ukina neza naho bakeba babo bari bahagaze neza.

Ico gitsindo cahuriranye nuko afashe umupira ubugira gatandatu, igitsindo yinjije kiduza icizere mu bakinyi.

Inyuma y'iminota itatu, uwundi mukinyi w'imbere Danny Welbeck yarinjije igitsindo kigira kabiri n'umutwe ku pasi ahawe na Henrikh Mkhitaryan.

Avuga ukwo yakinye, Aubameyang yagize ati: "Sinakinye muri Europa League mu mwaka uheze ariko ndanezerewe kuba nagarutse muri rino higanwa."

"Twipfuza gushika muri "finale", niyo ntego kandi twizeye gukina neza mu nkino zikurikira."

Arsenal yarasatiriye gushika ku bitsindo 4-0 ariko urukino rukaba rwarangiye kuri 4-2.

Urwo rukino rwabaye agateka ku mumenyereza Emery mu gihe yabaye intsinzi ya 32 mu mahiganwa ya Europa League, aba abaye uwa mbere ageze aho mu mateka ya Europa League.

Urukino rw'ejo rusa naho rwari urw'abakinyi bashasha.

Umukinyi wo hagati aturuka muri Urugway Lucas Torreira, umunya Swisi akina inyuma Stephan Lichtsteiner hamwe n'umunyegoli Bernd Leno aturuka mu Budagi- bose bakiniye Arsenal ubwa mbere muri urwo rukino.

Umumenyereza Emery yasiguye ko ari kugira ngo bamenyere.

"Turi duha amahirwe abakinyi benshi kugira bagire icizere," niko Emery yabwiye BT Sport. We are giving chances to many players to find confidence," Emery told BT Sport.

"Turabikeneye kuberako tugiye gukina inkino nyinshi, tukaba dukeneye guha abakinyi iminota yo gukina. Nipfuza kuguma mpangana na bakeba mu nkino zose. Hari abakinyi bitwara neza kurusha iyo bakinye kenshi."

Umugwi Vorskla ngo woba warushijwe ku kubura ubuzobere.