Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Raheem Sterling ntazoba ari mu nkino zizohuza Ubwongereza na Espagne hamwe n'Ubuswise
Umukinyi w'imbere wa Manchester City Raheem Sterling yivanye mu bakinyi b'umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza bazokina na Espagne hamwe n'Ubuswise.
Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza rivuga ko uwo mukinyi w'imyaka 23 ababara mu mugongo.
Sterling ni we mukinyi wenyene yabura igihe umugwi wiwe wakina ku musi wa mbere.
Nta mukinyi arategekanywa ko yoja mu kibanza ciwe, umumenyereza akaba ubu afise abakinyi 22 gusa mu nkino za kivukanyi za UEFA zigiye kubahuza na Espagne ku musi wa kabiri hamwe n'Ubuswise.
Umugwi nserukiragihugu mushasha w'Ubwongereza:
Abanyegoli: Jack Butland (Stoke), Jordan Pickford (Everton), Alex McCarthy (Southampton)
Abakinyi b'inyuma: Trent Alexander-Arnold (Liverpool), Fabian Delph (Manchester City), Joe Gomez (Liverpool), Harry Maguire (Leicester City) Danny Rose (Tottenham Hotspur), Luke Shaw (Manchester United), John Stones (Manchester City), James Tarkowski (Burnley), Kieran Trippier (Tottenham Hotspur), Kyle Walker (Manchester City)
Abakinyi bo hagati: Dele Alli (Tottenham Hotspur), Eric Dier (Tottenham Hotspur), Jordan Henderson (Liverpool), Adam Lallana (Liverpool), Jesse Lingard (Manchester United), Ruben Loftus-Cheek (Chelsea)
Abakinyi b'imbere: Harry Kane (Tottenham Hotspur), Marcus Rashford (Manchester United), Danny Welbeck (Arsenal)