Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sterling: Abakinyi ba Manchester City barakinirwa nabi cane
Umukinyi wo ku ruhande w'Ubwongereza, Raheem Sterling avuga ko abakinyi bakinana muri Manchester City "bababaga" mu kubakinira nabi.
Ivyo avuze bije bikurikira ibiherutswe gushikirizwa n'umumenyereza Pep Guardiola, yemeza adashidikanya ko abakinyi biwe bakeneye gukingirwa n'abahagarikizi.
Ugukinirwa nabi guheruka kuri Brahim Diaz na Kevin Bruyne mu rukino batsinzemwo West Brom 3-0 kwatumye Giardiola yerekana agashavu.
Sterling yavuze:"Hari aho bababaza umuntu cane. Sivyo nari niteze mu nkino zo mu rwego rwo hejuru, na cane cane iyo imigwi iriko iratsindwa, aho hagutera umupira batera abakinyi."
Uwo mukinyi w'imyaka 23 yongeyeko :"Bigiye kuba ikibazo gikomeye mu gihe kibi kandi sinibaza ko vyose biba n'ibigirankana.
"Ariko rero muri ico gihe nyene iyo ubabaje umuntu cane uba umubabaje koko, nibaza ko abahagarikizi n'abandi bategetsi bakeneye kubihagarika kubera bamwe mu bakinyi barabagwa, barabagwa kandi birababaje uriko urabiraba."
Uwo mukinyi kandi w'Ubwongereza atinya ko zimwe mu nkurikizi ari uko bamwe mu bakinyi ba City bashobora kuja mu nkino z'igikombe c'isi zizobera mu Burusiya muri uyu mwaka.