Umuntu yatsinze ibitsindo icenda mu rukino rumwe yinjiye mu gice ca kabiri

Wang ari imbere ibitsindo 6 ugereranije na bagenziwe bandi binjije

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Wang ari imbere ibitsindo 6 ugereranije na bagenziwe bandi binjije

Mu gihe ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu nkino za Asia rigeze mu gice c'ic'umunani, ukugwanira igodiyo y'inzahabu y'uwinjije vyinshi mu bigeme bisa n'ivyarangiye.

Umukobwa akina imbere mu mugwi w'Ubushinwa, Wang Shanshan w'imyaka 28, amaze kwinjiza incuro 11 harimwo incuro icenda mu rukino yakinye asubiriye uwasohotse.

Uwo mukinyi yinjije ibitsindo bitatu ("hat-trick") incuro zitatu inyuma yaho yinjiriye mu kibuga ku munota wa 56 bahura n'umugwi Tajikistan ku munsi wa mbere.

Ibitsindo bitatu vya nyuma yavyinjije mu mwanya w'inyongera bituma umugwi wiwe utahukana intsinzi y'ibitsindo 16-0.

Umugwi Tajikistan uramaze no gutsindwa na Korea ya Ruguru 16-0 mu rukino rwa mbere ku munsi wa gatanu.

Warangije ari uwanyuma mu muce B, ata nota na rimwe uronse kandi winjijwe ibitsindo 37 birenga kuvyo winjije inyuma yaho Hong Kong iwutsindiye 6-1.

Ubushinwa nibwo bwabaye ubwa mbere mu gutsinda gatatu mu nkino zitatu, ibitsindo vya Wang akina mu mugwi Tianjin Huisen biza vyiyongera kuri kimwe yinjije bakina na Hong Kong batsinze 7-0 n'ikindi yinjije bahura na Korea ya Ruguru batsinze 2-0.

Uwo mugwi w'Ubushinwa uzohura na Thailand mu gice ca kane, Wang akaba ari imbere mu binjije aho afise ibitsindo bitandatu.

Korea ya Ruguru izohura n'Ubuyapani mu gihe Korea Yepfo izotana mu mitwe na Hong Kong, Chinese Taipei ihure na Vietnam.