Intsinzi ya Korea y'epfo ku Budagi ntiyabujije ko isezera ihiganwa

Igitego ca Son Heung-min ku munota wa 96 na Kim Young-gwon ku munota wa 91 bo muri Korea y'epfo ni vyo vyatumye Ubudagi busezera ihiganwa ry'igikombe c'isi.

Ubudagi bwari bumenyereye kubabaza iyindi migwi, bwahanywe gose na bwo wibutse uko bwamaramaje Brezil mu 2014 aho bwayitsinda ibitego 7-1 imbere y'abakunzi b'uwo mugwi.

Ubudagi bugiye mu mugwi umwe n'Ubufaransa, Ubutaliyano na Espagne mu kuva mw'ihiganwa kare ari bo basanganywe igikombe.

Uwo mugwi nserukiragihugu w'Ubudagi, Die Mannschaft, wakinye urukino rwa nyuma ari wo uhabwa amahigwe ko uza gutahukana intsinzi yo kuja mu gice c'umunani gishira ica nyuma mu gikombe c'isi.

Bagishirwa mu mugwi F, benshi bibaza ko uwo mugwi urangwamwo abakinyi rurangiranwa nka Mesut Ozil na Toni Kroos borohewe cane.

Korea y'epfo kibaye igihugu ca mbere co ku mugabane wa Aziya gitsinze Ubudagi.

N'aho ariko babatsinze, Korea y'epfo n'Ubudagi bose basezeye ihiganwa mu gihe Swede na Mexique ari bo bagiye kubandanya ihiganwa.

Swede yahejeje iri mu kibanza ca mbere mu mugwi F izokina na Swisse yabaye iya kabiri mu mugwi E.

Mexique ntizoroherwa kuko izohura na Brezil mu mugwi E mu gice c'umunani gishira ica nyuma.