Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
N'ishavu n'akantu Maradona aripfuza umubonano n'abakinyi ba Argentine
Diego Maradona arasaba umubonano n'abakinyi ba Argentine imbere y'uko bahura na Nigeria mu gikombe c'isi ku musi wa kabiri.
Inyuma yo gutsindwa na Croatia, umugwi wa Argentine umaze gutwara ico gikombe incuro zibiri, utegerezwa gutsinda Nigeria nibaba bipfuza kuja mu gice ca 16 gishira ica nyuma.
Maradona "arashavuye cane" akaba ananebagura n'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Argentine Claudio Tapia.
Maradona yavuze ati: "Biradukomeranye cane kubera intsinzi ya Croatia y'ibitego bitatu yadusize duhetse amaboko tutigeze dukoza ukuguru ku mupira."
Maradona yatwaye umupira w'inzahabu igihe Argentine yatsindira igikombe c'isi mu 1986 yavuze ko yipfuza guhura n'abakinyi b'umumenyereza Jorge Sampaoli kandi ko ashobora kuba ari kumwe na benshi mubo bakinanye.
Yabwiye imboneshakure yo muri Venezuela Telsur ati: "Tugiye kugwanira agateka kacu."
"Ndashavuye kandi mfise agahinda mu mutima, kubera umuntu wese yambaye iyi mpuzu adashobora kwihanganira ko icafura gutya aho umugwi wa Croatia atari Ubudagi, Brezil, Holland canke Espagne udutsinda gutya.
"Ariko hari ababifisemwo uruhara kandi uwukwiye kubibazwa n'umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Argentine AFA. Nta n'umwe yakakaje igihe Sampaoli yaza yikoreye inyabwonko, indege zitagira umudereva n'ivyegera vyiwe 14.
"Nibaza ko habuze injunja ku ruhande rwa Tapia."