Umumenyereza w'Urwanda yirukanywe yagirizwa gufata ku nguvu abakinyi yatsinze urubanza

Umupfasoni w'umunyarwandakazi amenyereza mu mupira w'amaguru yirukanywe yagirizwa gufata ku nguvu abakinyi biwe yakiranye urweze ingingo ya sentare yo ku mushumbusha ibihumbi 47.000 vy'amadolari, kubera yirukanywe arenganijwe.

Grace Nyinawumuntu yahoze ari umumenyereza w'umugwi w'igihugu, yabwiye BBC ko ubu ariko arihweza ingene yobaho mu buzima bwiwe buri imbere.

Yari yirukanywen'abarongoye umugwi wari kw'isonga mw'ihiganwa ryo mu Rwanda mu bigeme, AS Kigali, mu kwezi kwa gatatu mu 2017.

Uwo mugwi wagumye uvuga ko uzokwunguruza urwo rubanza.

"Ntitwishimiye na gato iyo ngingo ya sentare, tuzokwunguruza. Twaratanguye kuvugana n'abatuburanira," uko akaba ariko uwurongoye uwo mugwi w'abigeme wa AS Kigali Teddy Gacinyayabwiye ikinyamakuru ca The New Times candikirwa mu Rwanda.

Nyinawumuntu yavuze ko urwo rubanza rwerekanye ukuri kuvyavugwa, avuga ko vyari ibinyoma.

Hari abantu batari banezererewe, ni na bo bakwiragije ivyo bintu."

Yabwiye BBC ko yashinze uwo mugwi wa AS Kigali w'abigeme mu 2008 akaba yamaze imyaka 10 ari we amenyereza uwo mugwi.

Nyinawumuntu ni we mupfasoni wa mbere w'umuhagarikizi mpuzamakungu n'umumenyereza wa mbere w'umupira w'amaguru.

Arahakana kandi ko akundana n'abo basangiye igitsina. "Ndafise umugabo n'abana babiri, ivyo bimvugwako sivyo."

"Ndanezerewe kuba iki kibazo gitorewe inyishu. Ubu ndiko ndaraba ingene nzobandanya ubuzima bwanje muri kazoza.

"Nkoresheje aya mahera ndashobora kwiyumvira kwikorera ibindi bintu. Nko kudandaza. Ndipfuza gutanguza umugwi wanje w'umupira w'amaguru mu gihe noronka abamfata mu mugongo."