Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
CECAFA-17: Umugwi wa Zanzibar wirukanywe mw'ihiganwa
Umugwi ujejwe gutunganya inkino za CECAFA z'abadashikana imyaka 17 wagize inama y'ikitaraganya ushinga ko Zanzibar ukurwa mw'ihiganwa, abakinyi ba Ethiopia na bo batatu barengeje imyaka barirukanwa.
Ku mugwi wa Zanzibar, uretse kwirukanwa mw'ihiganwa, utegerezwa kuzosubiza itike, amahera y'uburaro, guhagarikwa mu kiringo c'umwaka wose hamwe n'ihadabu ry'amadolari ibihumbi 15 vy'abanyamerika.
Igihugu ca Ethiopia na co nyene kitahagaritswe mw'ihiganwa, cakubiswe impaga, abakinyi baco batatu nabo bakurwa mu mugwi bongera baranirukanwa.
Umugwi ujejwe gutegura inkino za CECAFA z'uyu mwaka waciye ushinga ko urukino rwa 12 rwotegerejwe kubera i Muyinga ruzobera i Gitega.
Hashinzwe kandi ko inkino zoza ziratangura isaha icenda.