Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Wenger ngo ntiyipfuza guhura na Atletico mu gice gikurikira
Umumenyereza wa Arsenal, Arsene Wenger yavuze ko atipfuza guhura n'umugwi Atletico Madrid inyuma yaho Arsenal itsindiye AC Milan
Umukinyi w'imbere Danny Welbeck yinjije ibitsindo bibiri, mu rukino aba Gunners batsinze 3-1.
Hakan Calhanoglu niwe yinjije igitsindo ca AC Milan, ariko uwo mugwi ntiwashoboye kubandanya mu gihe mu nkino zose watsinzwe 5-1.
"Twokwipfuza kudahura na Atletico Madrid," niko Wenger yavuze.
Ugutora ingene imigwi izohura mu gice ca kane, bikogwa ku munsi wa gatanu.
Intsinzi yo ku munsi wa kane yabaye iya gatatu ya Arsenal, inyuma yaho itsindiye AC Milan mu rukino rwa mbere, na Watford ku munsi wa Mungu.
Imbere y'izo nkino, aba Gunners bari batsinzwe kane bikurikiranya.
"Ubu ni vyiza kurusha. Twari tubikeneye uravye ingene twigenjeje," niko Wenger yavuze.