Abakunzi ba Arsenal ngo bipfuza ko itsindwa ngo Wenger asezeregwe!

Abakunzi b'umugwi Arsenal ngo bipfuza ko uwo mugwi utsindwa mu rukino rwa Europa League ku munsi wa kane uhura na AC Milan, ivyo ngo vyotuma umumenyereza Arsene Wenger asezeregwa.

Ku ba Gunners, ihiganwa ry'uno mwaka ngo umuntu ntiyorita ku mumenyereza - ngo birakenewe ko abakinyi bigarurira icizere bagasubira gukina neza, bagatsinda n'igikombe na kimwe, ivyo ngo bakaba barabigezeko mu myaka iheze, niko umukinyi wa kera wa Arsenal Martin Keown avuga.

Inyuma yo gutsindwa biteye isoni mu ndwi ziheze, umugwi ugashika hasi cane utsinzwe kabiri na Manchester City munyuma ugatsindwa na Brighton, inkino zibiri za nyuma za Arsenal ziratanga icizere.

Inyuma yo gutsinda AC Milan 2-0 ku kibuga cabo ca San Siro, ngo bari bakwiye kubandaniriza kuri uwo murindi.

Iryo higanwa ngo niyo mahigwe yonyene umugwi usigaranye uno mwaka, rishobora kubasubiza umutamana.