Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Wydad Casablanca yatsindiye igikombe c'ibikombe ca Caf
Wydad Casablanca yo muri Maroke niyo yatwayeye igikombe c'ibikombe ca Confederation of African Football (Caf) nyuma yo gutsinda TP Mazembe yo muri Kongo 1-0.
Amin Tigahzoui niwe yinjije igitsindo ca Wydad Casablanca, ikipe isanzwe ariyo yatahukanye igikombe iwayo.
Urukino rwabereye ku kibuga citiriwe Mohamed wa gatanu, mu muji munini kurusha iyindi muri Maroke, Casablanca.
Ico gikombe gihuza amakipe yatsindiye igikombe ca Champions League yo muri Afrika hamwe n'ica Confederation Cup.
Umupira w'amaguru wo muri Maroke umaze amezi uhagaze neza cane.
Wydad Casablanca yatwaye igikombe ca Champions League ca Caf mu kwezi kwa cumi na rimwe, ukwo kwezi nyene igipe y'igihugu ironka itike yo kuja mu gikombe c'isi mu Burusiya uno mwaka.
Mu ntango z'uno mwaka, Maroke yakiriye inkino z'igikombe ca Afrika c'abakinyi bakinira iwabo, igitwara mu gutsinda Nigeri 4-0 mu rukino rwanyuma.
Kiretse gutwara igikombe c'ibikombe, Wydad Casablanca yanahawe agashimwe k'ibihumbi ijana vy'amadolari, ikaba kandi ishobora kwitwa ikipe ya mbere ku mugabane wa Afrika.
TP Mazembe yo muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo yo yahawe ihimbi 75 vy'amadolari.
TP Mazembe kandi imaze gutwara igikombe c'ibikombe inshuro zitatu, mu gihe ubu ari ubwa mbere Wydad Casablanca igitwaye.