Nta nkeka inama ya COMESA yimirije izobera mu Burundi

Umunyamabanga mukuru wa COMESA, Sindiso Ngwenya, yemanze ko inama ikurikira izobera mu Burundi
Insiguro y'isanamu, Umunyamabanga mukuru wa COMESA, Sindiso Ngwenya, yemanze ko inama ikurikira izobera mu Burundi

Umunyamabanga mukuru wa COMESA yari yavuze ko inama idashobora kubera mu Burundi bivuye ku bubera ubuke bw'amahoteli, uburyo bwo kwiyunguruza hamwe n'umuvuduko udahagije wo gutumatumanako kuri internet.

Ubu rero inama y'abakuru b'ibihugu ya COMESA yategerezwa kuba yabaye mu mwaka uheze, izobera mu Burundi mu kwezi kwa kane.

Ivyo vyatangajwe n'umunyamabanga mukuru w'iryo shirahamwe Sindiso Ngwenya, yatanguye urugendo rw'iminsi itatu mu Burundi kuri uyu wa gatatu.

COMESA ni isoko rusangi ry'ibihugu vyo muri Africa y'ubuseruko n'ubumanuko.

Mu kwezi kw'indwi uwo munyamabanga yari yavuze ko inama idashonbora kubera mu Burundi ku mvo zitandukanye.

Havugwa ubuke bw'ivyumba vy'amahoteli, uburyo bwo kwiyunguruza hamwe n'umuvuduko udahagajije wo gutumatumanako kuri internet.Ubu yavuze ko atakizobanza gusabwa kugira inama ibere mu Burundi.

Habaye amakosa

Umujenama mukuru agendanira umukuru w'u Burundi, Zephyrin Maniratanga, yavuze ko umugwi wa COMESA waje ubwa mbere kuraba ibikenewe kugira inama ibere mu Burundi ari wo wakoze amakosa.

Ngo watanze icegeranyo kidahuye n'ubushobozi igihugu gifise bwo kwakira abashitsi n'ibikorwa vy'amanama mpuzamakungu.

Zephyrin Maniratanga, umujenama mukuru agendanira umukuru w'u Burundi
Insiguro y'isanamu, Zephyrin Maniratanga, umujenama mukuru agendanira umukuru w'u Burundi

Ibihugu bigize COMESA ni u Burundi, Comores , Congo Kinshasa, Djibouti, Misiri, Erythrea, Ethiopia, Kenya, Libya, Madagascar, Malawi, Maurice, Rwanda, Seychelles, Soudan y'Epfo, Sudan, Swaziland, Uganda, Zambia na Zimbabwe.