Ronadinho yasezeye mu mupira w'amaguru

Ronadinho yasezeye mu nkino z'umupira w'amaguru
Insiguro y'isanamu, Ronadinho yasezeye mu nkino z'umupira w'amaguru

Umukinyi yahoze ari rurangiranwa muri Brezil hamwe no mu migwi ya PSG, Barcelone hamwe na AC Milan, Ronaldinho de Assis Moreira, azwi ku matazirano Ronaldinho Gaucho yasezeye mu mupira w'amaguru.

N'aho Ronaldinho atahora akina inkino z'amahiganwa yahora akina izo kwinezereza.

Mwenewabo ari na we amuserukira Roberto Assis yemeje ko uwo mukinyi rurangiranwa yasezeye mu nkino z'umupira w'amaguru.

Ronaldinho yatanguriye gukina umupira mu mugwi wa Gremio mu gihugu ciwe ca Brezil imbere yo kuja muri Paris St-Germain mu 2001, hanyuma aja muri Barcelone aho yamenyekaniye cane.

Mu mwaka 2010-2011 yimukiye mu mugwi wa AC Milan wo mu Butaliyano imbere yo ksubira mu gihugu ciwe mu mugwi wa Flamengo mu 2011.

Mu nyuma yakiniye imigwi ya Atletico Mineiro, Queretaro wo mu gihugu ca Mexique hanyuma asubira iwabo kandi mu mugwi wa Flumisense.