Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Crystal Palace 0-0 Manchester City
Umugwi wa Crystal Palace wihagazeko utuma Manchester City itahira inota rimwe, inyuma yaho vyankiye ko winjiza urukino rugahera ari 0-0.
Muri urwo rukino rwarangiye ata mugwi numwe ushoboye kwinjiza, Crystal Palace ntiyagize amahigwe ku munota wa 90 uronse penaliti, inyuma yaho umusatirizi Wilfried Zaha akorewe ikosa.
Penaliti yatewe na Luka Milivojevic yahagaritswe n'umunyezamu Ederson, atuma Man City ibandanya kuba umugwi utarigera utsindwa gushika ubu.
Man City uguma mu kibanza ca mbere n'amanota 59, ikarusha Chelsea ya kabiri amanota 14.
Umugwi Crystal Palace ufise amanota 19, n'ikibanza ca 17, ukaba ari umugwi wa nyuma mu yoba yemerewe kuguma mw'ihiganwa rya Premier League igihe ryoba rirangiriye hano.
Mu rukino ruheruka, Crystal Palace yari yahuye na Arsenal aho yatsinzwe 3-2.