Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Francine yasubiye kurushwa na Semenya ku 800m
Umunyafrika Yepfo Caster Semenya yaraye atahukanye umudali w'inzahabu ku metero 800, asubira gusiga umurundikazi Francine Niyonsaba yabaye uwa kabiri atwara umudali w'ifeza mu nkino z'i Londres 2017.
Caster Semenya yirutse ubwo burebure ku munota 1:55.16 mu gihe Francine Niyonsaba yakoresheje iminota 1:55.92.
Uwa gatatu yatwaye umudali w'umujumpu ni umunyamerikakazi Ajee Wilson yirutse ubwo burebure 1:56.65.
Semenya yamenyesheje ko yipfuza kuja munsi y'amasegonda 55 mu gihe umwanya muto kw'isi ari 1:53.28 wakoreshejwe na Jarmila Kratochvilova wo muri Tchécoslovaquie mu 1983.