Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tour du Rwanda: Imigwi y'Urwanda iracari imbere
Ihiganwa mpuzamakungu ryo gusiganwa ku makinga Tour of Rwanda riteye ku musi wa gatatu.
Abahiganwa 73 bari mw’ibarabara riva Kigali ryerekeza mu gisagara co mu burengero ca Karongi, kiri ku birometero 125.
Imigwi y’Urwanda iri imbere ariko bakaba bagenda babangabanganywe n’abo mu gihugu ca Eritrea.
Muri iryo higanwa, Urwanda ruserukiwe n’imigwi itatu, Team Rwanda, Benediction team na Amis Sportif.
Hari intambara hagati ya Eritrea ,Team Rwanda na Bike Aid yo mu Budage bariko bagenda babisikana ku mwanya wa mbere ariko benshi bari mu mu mugwi umwe, bamwe bose bakaba bashaka gusiga abandi muri uwo mugwi.