Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Yaya Toure yasavye ikigongwe Man City
Umukinyi wo hagati wa Manchester City yagondojwe arasaba imbabazi abarongoye uwo mugwi inyuma yo kudahabwa umwanya wo gukina na Pep Guardiola.
Mu nkuru yashize ku rubuga rwiwe rwa Facebook, yavuze:”Ndasavye imbabazi – ku gatwe kanje n’abantu banserukira – abakuru b’umugwi bose kubera ivyavuzwe mu misi iheze.”
“Ibi mvuze nta co bipfana n’aho umugwi uhagaze canke abakora akazi muri uyu mugwi.”
Mu ndwi iheze, Guardiola yavuze ko akeneye Toure ariko ko arindiriye ko uwumuserukira Dimitry Seluk, amusaba imbabazi.
Yaya Toure w’imyaka amaze gukina urukino rumwe mu nkino umunani umugwi wa Manchester City imaze gukira muri uyu mwaka.
Inyuma yo kudakinishwa na Guardiola mu nkino z’imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya, Seluk yavuze ko uwo mukinyi wo hagati “vyamubabaje” kandi ko Guardiola akwiye kumusaba imbabazi mu gihe City itotsinda iryo higanwa.
Ni ho rero Guardiola yaciye avuga ko Toure atazongera gukina gushika igihe uwumuserukira azomusabira imbabazi.
“Jewe nk’umumenyereza, sinzemera ko buri muserukizi w’umukinyi aja kunyidogera mu binyamakuru ko umukinyi kanaka atakinye,” ni ko Guardiola yavuze.
Igihe Toure yagurishwa muri Man City mu 2010, Pep Guardiola ni we yamenyereza Barcelone.