Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
France: Urubanza rw'abagirizwa kuvuga ko Brigitte Macron yahoze ari umugabo rugiye gutangura
- Umwanditsi, Laura Gozzi
Abantu cumi bakurikiranwa ku caha co guhohotera mu buryo bushingiye ku gitsina umutambukanyi w'umukuru w'igihugu, Brigitte Macron, babicishije kuri internet baratangura kurenguka mu butungane i Paris.
Bagirizwa gukwiragiza ivyiyumviro bidafise ishingiro ku vyerekeye igitsina ciwe [Brigitte Macron], imibereho yiwe ijanye n'igitsina, hamwe no kuvuga "amajambo mabi" ku butandukane bw'imyaka 24 ya Brigitte n'umugabo wiwe, Emmanuel Macron.
Hamwe bokwagirwa n'icaha, bashobora guhanishwa umunyororo w'imyaka igera kuri ibiri.
Muri abo bantu cumi bazokwitaba ubutungane kuri uwu wa mbere no ku wa kabiri, harimwo umutegetsi yatowe, uwufise inyubakwa yerekanirwamwo ikanagurishirizwamwo ibikorwa vy'utugenegene, n'umwarimu, nk'uko bimenyeshwa n'ibimenyeshamakuru vyo mu Bufaransa.
Babiri muri bo – uwiyita umumenyeshamakuru yigenga Natacha Rey hamwe n'umuraguzi (uwerekwa kazoza k'abantu) wo kuri internet Amandine Roy – mu mwaka uheze bari bakubiswe intahe mu gahanga bagirizwa icaha co gutyoza.
Aho bari bavuze ko umutambukanyi w'umukuru w'igihugu w'Ubufaransa atigeze abaho, ko ahubwo murumuna wiwe Jean-Michel Trogneux ari we yihinduye igitsina gutyo aca atangura gukoresha izina ryiwe [Brigitte].
Ariko mu nyuma sentare y'iyungururizo yahavuye yeza Rey na Roy, isigura ko ivyo bavuze hatarimwo ugutyoza. Umupfasoni Macron na murumuna wiwe barunguruje kuri iyo ngingo.
Insiguro zubakiye ku ciyumviro c'uko Brigitte Macron ari umugore yihinduye igitsina zimaze igihe zikwiragizwa kuva aho umugabo wiwe atsindiye ikiringo ca mbere mu 2017.
Ivyiyumviro bitagira ishingiro ku bijanye n'igitsina c'umupfasoni Macron biriko birakwiragira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ahanini bigatangazwa na Candace Owens asanzwe akwiragiza ivyiyumviro vyo ku ruhande rw'iburyo (right wing influencer).
Mu kwezi kw'indwi guheze, ab'iwabo na Macron baritwariye Owens bavuga ko yirengagije ibimenyetso vyose vy'ukuri vyerekana ko ivyo yavuga atari vyo, aho kubigendera ngo agahitamwo guha ijambo abantu bazwi ko ari abashikiriza ivyiyumviro bityoza n'abamaze kwerekana ko bacafuza amazina y'abandi.
Aganira na BBC Fame Under Fire podcast, uwuburanira umuryango wa Macron muri uru rubanza, Tom Clare, yavuze ko Brigitte Macron yabonye ivyo birego "biteye agahinda cane" kandi ko vyari "ugusamaza " kuri Perezida w'Ubufaransa.
"Birateye agahinda cane kwibaza ko ubwirizwa kujayo ugaca bugufi, kugira ushikirize ivyemezo nk'ibi," ni ko yavuze.
Emmanuel Macron yavuze ko kubandanya bitwarira Owens kwari "ugukingira icubahiro ciwe" kandi ko uwo akorera kuri internet yari yakwiragije amakuru y'ibinyoma "mu ntumbero yo kugirira nabi, ku nyungu y'ivyiyumviro kanaka, kandi bifitaniye isano n'abayobozi bazwi bo ku ruhande rw'i buryo rugendera ku vyiyumviro bikaze."
Umupfasoni Macron yahuye ubwa mbere n'uwo bubakanye ubu igihe yari umwarimu kw'ishure ryisumbuye yigishamwo.
Bompi bahavuye bashinga urwabo mu 2007, igihe umushingantahe Macron yari afise imyaka 29, umumfasoni Macron nawe afise 54.