Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umusirikare wa Koreya ya Ruguru yafatiwe muri Ukraine yapfuye
- Umwanditsi, Koh Ewe
- Igikorwa, BBC News
Umusirikare wa Koreya yakomeretse yari yafashwe n'ingabo za Ukraine yapfuye, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Yonhap, ryisunze itangazo ry'igisata c'iperereza ca Koreya y'Epfo.
Uwo musirikare ni we wa mbere wa Koreya ya ruguru yafatiwe ku rugamba kuva ico gihugu kirungitse ingabo zo gufasha Uburusiya mu ntambara burimwo muri Ukraine.
Ikigo c'igihugu gishinzwe iperereza muri Koreya ya Ruguru kivuga ko cemeje kibikuye "ku kindi kigo bifitaniye ubucuti" ko uwo musirikare yapfuye azize "ibikomere" , nk'uko bimenyeshwa na Yonhap.
Koreya ya Ruguru yarungitse abasirikare barenga 10.000 gufasha Uburusiya, nk'uko bivugwa na Ukraine hamwe na Koreya y'Epfo - ariko Uburusiya na Koreya ya Ruguru ntibarabihakana canke ngo bavyemeze ko bariyo.
Ico kigo kijejwe iperereza cari camenyesheje koingabo za Ukraine zafashe uwo musirikare inyuma y'aho ifoto imwerekana ikwirakwirijwe kuri Telegram.
Yang Uk, umushakashatsi mu kigo kijwe ivyigwa vya politike ( Asan Institute for Policy Studies) yabwiye BBC ati:" N'uwa mbere mu bamaze gufatwa no kwicwa. Kuri Ukraine birenze kure inyungu, gufata abasirikare ba Koreya ya Ruguru mu kugerageza kubakaba n'abanya Ukraine bafatiwe ku rugamba n'abarusiya.
Isanamu za vuba z'intambara hagati y'Uburusiya na Ukraine zaremeje ibivugwa ko "abasirikare ba Koreya ya Ruguru bazorungikwa ari benshi ku rwasira n'uburongozi bw'igisirikare c'Uburusiya", nk'uko bivugwa na Yang.
Yongeyeko kandi ko, n'aho biri uko, ko "bizobagura kwemeza ko ari abanye Koreya ya Ruguru.".
Ingabo za Ukraine zivuga ko abasirikare ba Koreya ya Ruguru bahawe ibitabo vy'inzira vy'Uburusiya magendu, mu gihe prezida Volodymyr Zelensky mu ndwi iheze yashize ku rubuga rwiwe amasanamu yerekana abasirikare b'abarusiya bariko baraturira amasura y'abanye Koreya ya Ruguru kugira bazimanganye akaranga kabo.
Ipererereza rya Ukraine na Koreya y'Epfo ryavuze ko benshi mu basirikare barungitswe mu Burusiya bari mu basirikare babunyoye, bo mugwi (unit/unité) ya 11, bazwi kw'izina rya "Storm Corps". Uwo mugwi ufise ubumenyi mu gucengetera, kwonona inyubakwa no kwica.
Ku musi wa mbere, prezida Zelensky yavuze ko abasirikare ba Koreya ya Ruguru bamaze gupfa canke bakomeretse bariko baragwanira mu karere ka Kursk barenga 3.000.
Yongeyeko ko gufashanya hagati y'Uburusiya na Koreya ya Ruguru bishobora gutuma "haba umutekano muke" mu micungararo y'izinga rya Koreya.
Uburusiya bwagize igitero hirya no hino muri Ukraine mu kwezi kwa kabiri mu 2022. Abasirikare ba Koreya ya Ruguru baherutse kurungikwa mu Burusiya n'ikimenyetso c'ubucuti bugenda burushaho kwiyongera hagati y'ivyo bihugu bibiri.
Uko ibintu biriko biragenda mu gihe Korea ya Ruguru yongereje imishamirano na Koreya y'Epfo, vyarateye impungenge abanya buraya. Ubushinwa, bufitaniye imigenderanire myiza n'impande zose kuva kera, na bwo buguma bushinze ijisho kuri ubwo bucuti.