Burundi: EU yavanye ibihano ku mushikiranganji wa mbere Ndirakobuca

Gervais Ndirakubuca

Ahavuye isanamu, RTNB

Insiguro y'isanamu, Gervais Ndirakobuca yari mu bihano vy'ishirahamwe rya Buraya kuva mu 2015

Ishirahamwe rya Buraya ryavanye ibihano ku barundi batatu barimwo umushikiranganji wa mbere w’Uburundi, Gervais Ndirakobuca, batazira Ndakugarika.

Mu kwezi kw’icenda Ndirakubuca ni ho yagenwa kuba umushikiranganji wa mbere muri reta ya prezida Evariste Ndayishimiye.

Gushika aho yari amushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi kuva prezida Ndayishimiye ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa gatandatu mu 2020.

Ubutumwa bwo kuri Twitter bw’ubuserukizi bw’ishirahamwe rya Buraya mu Burundi buvuga ko “ugukomera kw’imigenderanire UE [Union Euopeenne]-Burundi kwatumye havanwaho ingingo ya 96. Ubu UE ivanyeho ibihano vyari vyafatiwe abantu batatu ku giti cabo barimwo umushikiranganji wa mbere.”

Tambuka X ubutumwa, 1
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: BBC ntibazwa ibiva ku zindi mbuga.

Impera ya X ubutumwa, 1

Uwundi yakuweko ibihano ni Godefroid Bizimana , intwazangabo mu giporisi ubu akora mu biro vy’umukuru w’igihugu.

Umushikiranganji w'Uburundi ajejwe imigenderanire n'amakungu, Albert Shingiro yavuze ko yashimishijwe cane n'iyo ngingo y'ishirahamwe rya Buraya.

Tambuka X ubutumwa, 2
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: BBC ntibazwa ibiva ku zindi mbuga.

Impera ya X ubutumwa, 2

Ariko muri ubwo butumwa bwiwe bwo kuri Twitter, umushikiranganji Shingiro avuga "abantu babiri" n'ubwo ibihano vyakuwe ku bantu batatu.

Uwundi ni Leonard Ngendakumana, yahunze igihugu inyuma y’igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi prezida Pierre Nkurunzi mu kwezi kwa gatanu mu 2015. Ubu ari mu baronderwa n'ubutungane bw'Uburundi ku riuhara yoba yaragize.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Shingiro avuga iyo ngingo ya Buraya yavuye mu "biganiro...n'ugushaka guhuriweko kwo kunagura imigenderanire y'ubucuti n'ugufashanya n'ishirahamwe rya Buraya".

Ubu uwusigaye muri ivyo bihano ni Mathias Joseph Niyonzima, batazira Kazungu, wo mu biro vy’igihugu bijejwe iperereza mu Burundi.

Ivyo bihano vyarimwo kudahabwa uruhusha rwo kuja mu bihugu bigize iryo shirahamwe no gufatira amatungo yabo.

Mu kwezi kwa Munyonyo (11) mu mwaka uheze, ivyo bihano vyafashwe mu 2015 vyari vyongewe ikiringo c’umwaka umwe.

Ishirahamwe rya Buraya ryari ryabifatiye abo bantu ku mvo z’uruhara rwabo mu bikorwa vy’intureka, gutoteza, canke gukaburira intureka” mu gihe c’imyiyerekano y’abagwanya ikiringo ca gatatu c’umuhisi prezida Nkurunziza canke mw’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi bwiwe mu 2015.

Ishirahamwe rya Buraya ryari ryarafatiye kandi ingingo zo kudaha reta y'Uburundi imfashanyo y'iterambere kuva mu 2016. Izo ngingo na zo zavanyweho mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka.

Imbere y'izo ngingo, ishirahamwe rya Buraya ni ryo ryari irya mbere mu guha imfashanyo nyinshi Uburundi.

Ubu rivuga ko rigiye "kubandanya rishigikira utwigoro tw’iterambare n’impinduka Uburundi buriko burakora".