'Ntitwoga, nta mfungurwa... kandi ntidushaka gusubira mu Burundi'- Abugaraniwe ku kibuga c'indege ca Instanbul

Abarundi bababa amajana abiri bagizwe n'abana, abagore n'abagabo bamaze hafi indwi zibiri muri 'transit' y'ikibuga c'indege ca Instanbul muri Turkia, babujijwe kubandanya urugendo rwabo rwo kuja muri Serbia.

Abarundi bamaze imisi bashika ari benshi mu bihugu vya Buraya baciye mu gihugu ca Serbie.

Ico gihugu cari gisanzwe gifitaniye amasezerano n'Uburundi atuma abarundi baja muri ico gihugu batarinze gusaba Visa.

Ariko kuva kuri uyu wa gatanu, ku rubuga rw'ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Serbia n'amakungu handitse ko umurundi wese ashaka kuja muri Serbia adafise igitabo c'inzira c'akazi, ategerezwa gusaba visa.

Abategetsi ba Turkia ngo batanguye kubabwira ko bategerezwa gusubira inyuma kuko ata visa bafise

Muri abo bari muri ako kaga harimwo abagore n'abana.

Umugore umwe yavuganye na BBC Gahuzamiryango, atashatse kwivuga izina, afise abana babiri umwe w'imyaka 3 uwundi w'umwaka umwe, yagize ati:" Aha ndahamaze indwi irenga. Nazananye na musaza wanje n'abana babiri. Nakoresheje imiliyoni zababa 30.

"Benshi baje bagurisheje ivyabo vyose bazi ko bagiye kuronderera ubuzima i Buraya. Basubiye inyuma bashikira hehe?"

Uwundi musore ari kumwe na mwenewa yabwiye BBC ko bamerewe nabi cane.

Ati:"Aho turi muri transit tuhamaze hafi indwi zibiri.

"Ubwa mbere indege yaradusize batubwira kugura ayandi matike ku mahera y'amanyaburaya 893 (893 EURO). Turazigura ariko n'ubundi batwankira kugenda ngo nituzane visa kandi bizwi ko abarundi badasabwa visa mu kuja muri Serbia.

"Visa bari kuyitwakira ku kibuga c'indege i Bujumbura. Ni hehe murumva basabira visa muri transit?

"Aha ntitwoga, nta mfungurwa tugira kandi na 'valise' zacu zaramaze gushika muri Serbia."

Abategetsi ba Turkia bababwira iki?

Abategetsi ba Turkia bamaze kumenyesha abarundi bari mu kibuga c'indege ca Istanbul ko bategerezwa gusubira inyuma vyanse bikunze.

Na bo, uretse ko hari abatabikozwa, nabavyemeye ngo barabahenda bagaca babasohokana hanze.

Bagira bati:"Bariko baragerageza kuduhendahenda ngo dusohoke tuve muri transit mu kuduhenda ko baca baduha indege idusubiza inyuma.

"Usohotse ngaha, nta co wosubira kubabaza, ni co gituma twanse kuhava."

Gusubira inyuma mu Burundi

Gushika mu ntango z'uku kwezi itike yo kuja mu gihugu ca Serbia yari iteye ku miliyoni 12 z'amarundi.

Abafashe urwo rugendo, hari bamwe basize bagurishije utwabo twose bazi ko bagiye kurondera uwundi mutahe.

Umwe mu basore yavuganye na BBC Gahuzamiryango yagize ati: "Mbe dusubirayo kugira gute? Umuryango warikokoye ugurisha ivyo ufise kugira nanje nje kurondera hanyuma nze nsubizeho ivyo bagurisheje, none raba ?"

Uwundi mupfasoni avuga ko umugabo wiwe yagurishije vyose kugira amurungike n'abana.

Ati: "Vyose yaragurishije. Ubu na ho bariko baratubwira ngo twirihire dusubire inyuma. Ntidufise iyo duta umutwe."

Arongerako ati: " Ibibazo ni vyinshi uravye uko uyu n'uriya yabigenjeje kugira aronke itike."

N'agatwengo kenshi ati: " Mbere numvise ingorane z'abandi hageze ikibazo co gusubira i Burundi, nca numva ko jewe ari mitende.

"Hari abaje bariye vyose."

Abategetsi b'Uburundi bavuga iki kuri ico kibazo?

Bu bushikiranganji bw'imigenderanire y'Uburundi n'amakungu bavugako ingingo y'uko igihugu ca Serbia cashizeho itegeko risaba abarundi binjira muri ico gihugu kuba bafise visa batarayimenyeshwa.

Ines Sonia niyubahwe