Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Espagne: Luis Rubiales yari arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru asabirwa gupfungwa imyaka 2.5 ku caha co gusoma umukinyi
- Umwanditsi, Na Vicky Wong
- Igikorwa, BBC News
Abashikirizamanza ba Espagne basaba ko uwahoze ari umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ry'iki gihugu apfungwa imyaka ibiri n’igice, inyuma yo gusoma umukinyi w’umwigeme batavyumvikanye igihe Espagne itsindira igikombe c’isi yose.
Luis Rubiales yagirizwa ivyaha vy’ihohotera rishingiye ku gitsina inyuma yo gufata Jenni Hermoso akamusoma ku munwa muri Myandagaro (8) umwaka uheze wa 2023.
Umwigeme Hermoso n’abakinyi bagenziwe bavuga ko yamusomye atabishaka kandi ko yamusuzuguje.
Vyabaye ngombwa ko Rubiales atanga imihoho, ariko arahakana ko ata caha yakoze.
Nk’uko biri mu rwandiko rwa sentare rwabonywe n’itororokanirozo ry’amakuru Reuters, umushikirizamanza Marta Durantez yagiriza Rubiales icaha kimwe c’ihohotera rishingiye ku gitsina n’ikindi kimwe co gutera ubwoba kubera ivyo yakoze mu gusoma uyo mwigeme.
Ibi vyaha bihanishwa umunyororo w’umwaka umwe hamwe n’amezi 18 uko bikurikirana.
Umushikirizamanza Durantez yagiriza kandi Jorge Vilda yahoze ari umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’abigeme, umukuru w’igisata kijejwe ukwinonora imitsi muri uno murwi, Albert Luque, hamwe n’umukuru w’igisata kijejwe ukumenyekanisha mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru, Ruben Rivera, guhatira umwigeme Hermoso kwemeza ko yamusomye bavyumvikanye.
Uru rwandiko rumwagiriza ruvuga ko bamutoteje babicishije mu “bikorwa vyo kuguma bamutera igitsure”, harimwo no kubicisha ku bagenzi biwe n’umuryango wiwe.
Igihe barengutswa muri sentare, aba batatu bose barahakanye ivyaha bagirizwa. Mu gihe bokwagirwa n’icaha, umwe wese ashobora guhanishwa umunyororo w’amezi 18.
Umupfasoni Durantez asaba kandi ko aba bagabo bane baha umwigeme Hermoso indishi y’akababaro ingana n’ibihumbi 100 vy’ama-euro, kandi ko Rubiales yoriha nibura igice c’aya.
Yasavye kandi ko hofatwa ingingo zo kuzibira Rubiales, agategekwa kwigira kure y’umwigeme Hermoso nibura imetero 200 kandi ko atosubira kuvugana na we mu kiringo c’imyaka indwi n’igice iri imbere.
Iki gikorwa giteje isoni cateje agatosi ibihe bidasanzwe vy’umurwi w’abigeme wa Espagne wariko wigina ico gihe intsinzi ya mbere y’igikombe c’isi yose kuva ubayeho.
Igihe haba ibirori vyo gushikiriza iki gikombe, Rubiales yashize mu biganza vyiwe umutwe w’umwigeme Hermoso aca amusoma ku munwa.
Yaraneguwe kandi kubona yifashe ku matengatwa mu kwigina intsinzi ahagararanye n’umwamikazi wa Espagne Queen Letizia n’umukobwa wiwe, umuganwakazi Infanta Sofia.
Ivyabaye vyateje uburakari kw’isi yose bavuga ko ari agasuzuguro ko ku rwego rwo hejuru gashingiye ku gitsina k’inkizo z’abigeme, ivyatumye abakinyi ba Espagne banka kwitabira ibikorwa vy’umurwi nserukiragihugu mu gihe basaba ko hoba impinduka mu bijanye n’umupira w’amaguru w’abigeme mu gihugu.
Rubiales yabanje guhagarikwa vy’agateganyo n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, imbere yo gutanga imihoho nk’umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Espagne be n’icegera c’umukuru w'ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Bulaya (UEFA) muri Nyakanga (9) umwaka uheze.
Mu kwa mbere, Fifa yagumijeho igihano cari caciriwe Rubiales co kudasubira gukora ibikorwa bijanye n’umupira w’amaguru mu kiringo c’imyaka itatu inyuma y’aho yungururije.
Vilda – umumenyereza yashikanye umurwi nserukiragihugu w’abigeme ku ntsinzi y’igikombe c’umupira w’amaguru kw’isi akongera akaba n’incuti ya Rubiales – na we nyene yarirukanywe mu kw’icenda kubera ukutumvikana kuri ibi vyabaye, ariko akaba yahavuye agenwa kuba umumeyereza w’umurwi wa Maroc muri Gitugutu (10).