Franz Beckenbauer: Umudagi rurangiranwa mu mupira w'amaguru yapfuye ku myaka 78

Franz Beckenbauer

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwo batazira "Der Kaiser", nk'umukinyi yaratwaye kandi igikombe c'imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya mu 1972, anatwara na Ballon d'Or incuro zibiri.

Umukinyi w'umudagi rurangiranwa mu mupira w'amaguru Franz Beckenbauer, abonwa nk'umwe mu bakinyi bakomeye kw'isi, yapfuye afise imyaka 78.

Yaratwaye igikombe c'isi ari kizigenza w'umugwi nserukiragihugu w'Ubudagi bw'uburengero mu 1974, yongera kandi atwara ico gikombe nk'umumenyereza mu 1990.

Franz Beckenbauer yakina inyuma, yakiniye umugwi wa Bayern Munich inkino 582, anatsindira agahembo k'umugwi wa mbere mu Budagi nk'umukinyi n'umumenyereza.

Uwo batazira "Der Kaiser", nk'umukinyi yaratwaye kandi igikombe c'imigwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya mu 1972, anatwara na Ballon d'Or incuro zibiri.

Itangazo ry'umuryango wiwe ryarungikiwe itororokanirizo ry'amakuru ry'Ubudagi DPA rigira riti:" Turi n'umubabaro mwinshi wo kumenyesha ko umugabo wanje akaba na se w'abana, Franz Beckenbauer, yapfuye mu mahoro asinziriye ku musi wa Mungu, akikujwe n'umuryango wiwe.

"Turasavye ko mwotureka tukamugandarira mu gacerere munirinde kutubaza ikibazo na kimwe".

Bayern, umugwi wa mbere w'Ubudagi umaze gutwara ibikombe vyinsi yavuze:"Isi yubamye ku mugwi wa FC Bayern- habaye umwiza bukwi na bukwi, agacerere, n'ubukene".

Bongeyeko ko, iyo ataba Beckenbauer "Bayern ishobora kuba utari kuba umugwi umeze umeze uko uri uyu musi".

Yaratsinze ibitego bine mu gikombe c'isi co mu 1966, afise imyaka 20, aranatsindira agashimwe k'umukinyi akiri muto mwiza muri iryo higanwa.

Hanyuma yakiniye Ubudagi bw'uburengero incuro 103.