Pele: Igihangange c’umupira w’amaguru wa Brazil yapfuye ku myaka 82

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihangange c’umupira w’amaguru wa Bresil Pele, ata nkeka umukinyi wa mbere akomeye muri kahise k’umupira w’amaguru kw’isi, yasandavye ku myaka 82.
Mu gihe yari agikina umupira w’amaguru, yinjije ibitsindo 1.281, igitigiri kitarigera gisubira kubaho, mu nkino 1.363 mu myaka 21 yamaze akina umupira w’amaguru, harimwo ibitsindo 77 yatsindiye igihugu ciwe mu nkino 92.
Ni we mukinyi wenyene yatsindiye igikombe c’isi yose incuro zitatu, aho yagiteruye mu 1958, 1962 na 1970, Pele akaba mu 2000 yagenywe nk’umukinyi wa FIFA w’ikinjana.
Yari amaze igihe arwaye amafyigo na prostate mu myaka mike iheze.
Muri Nyakanga (9) 2021, Pele yarabazwe kugira bamukuremwo ikivyimba co mu rura ku bitaro Albert Einstein Hospital muri Sao Paulo, kikaba cari cabonywe mu bipimo yama akorerwa buri mwanya. Yasubiye kwinjizwa ibitaro mu mpera za Munyonyo (11) 2022.
Umukobwa wiwe Kely Nascimento yagumye amenyesha abafana ingene se wiwe yari amerewe abicishije ku mbuga hwaniro ari mu bitaro.
Ejo ku wa kane, yasohoye isanamu yerekana igisa na Pele ari mu maboko y’umuryango wiwe mu bitaro, hanyuma yandika ati: "Ico turi cose tugikesha wewe. Tuzogukunda imyaka n’imyaka. Iruhukire mu mahoro”.
Ibitaro vyemeje ko Pele yapfuye “kubera ingingo ziwe zitari bike zitari zigikora, inkurikizi ya kanseri yo mu rura hamwe n’izindi ngorane z’amagara yagiye aragira muri kahise”.
Konte ya Twitter ya Pele yanditse iti: "Umwami Pele yaranzwe n’urukundo hamwe n’ubugwaneza mu rugendo rwiwe, akaba asandavye uno musi. Urukundo, urukundo n’urukundo imyaka idahera”.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Bresil rivuga riti: “Pele yari arengeye cane kwitwa umukinyi wa mbere akomeye w’igihe cose.
"Umwami wacu w’umupira w’amaguru niwe yari ikimenyetso gikomeye c’intsinzi ya Bresil, atigera atinya urukamvye. Yemereye se wiwe igikombe c’isi yose hanyuma atuzanira bitatu.
"Uyu mwami yaduhaye Bresil nshasha kandi turakenguruka iragi ryiwe. Pele, urakoze cane”.
Perezida Jair Bolsonaro yatangaje ikigandaro c’imisi itatu mu gihugu cose.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umurwi Santos Pele yahoze akinira wasohoye urutonde rw’ukungene ibirori vyo kumushingura bizogenda. Ku wa mbere mu gitondo, ikiziga ciwe kizovanwa mu bitaro kijanwe mu kibuga ca Estadio Urbano Caldeira, aho kizoshirwa hagati mu kibuga kugira ngo abanyagihugu bashobore kumwunamira.
Ku wa kabiri, hazoba urugendo mu mabarabara ya Santos muri Sao Paulo gushika aho umuryango wiwe uzomushingura.
Edson Arantes do Nascimento, azwi cane nka Pele, yamenyekanye kw’isi yose igihe, afise imyaka 17 gusa, yafasha Bresil gutsindira igikombe c’isi yose mu 1958 mw’ihiganwa ryariko ribera muri Suède/Sweden, aho vyabaye ngombwa ko yama atanguzwa mu kibuga gushika mu nkino z’igice co gukuranamwo.
Niwe yinjije igitsindo kimwe rudende igihe Bresil itsinda Pays de Galles/Wales 1-0 mu rukino rw’igice ca kane gishira ica nyuma (1/4 de finale), yongera yinjiza bitatu Ubufaransa mu gice ca kabiri gishira ica nyuma (1/2 finale) hamwe na bibiri mu rukino rwa nyuma rwahuje Bresil n’iki gihugu cari cakiriye iryo higanwa, rwarangiye Bresil yirahiye Suède 5-2.
Icatumye Pele aba igihangange
- Yinjije ibitsindo 1281 mu nkino 1363
- Yakinye incuro 14 mu nkino za nyuma z’igikombe c’isi yose maze yinjiza ibitsindo 12
- Mu 1959 honyene, yinjije ibitsindo 126
- Ni we mukinyi wenyene amaze gutsindira ibikombe bitatu vy’isi yose
Pele yatanguye gukina mu murwi Santos imyaka ibiri imbere y’aho, afise imyaka 15, akaba mbere yarinjije igitsindo igihe uyo murwi utsinda Corinthians de Santo Andre 7-1.
Ni co gitsindo ca mbere yinjirije uwo murwi mu bitsindo 643 yawinjirije mu mahiganwa wakinye mu kiringo c’imyaka 19, n’aho Santos yoyo ivuga ko ibitsindo yayinjirije vyose hamwe birenga 1000, aha hakaba ari mu gihe inkino z’ihayanishwa – akenshi zikaba zayihuza n’imirwi y’ibihangange ya Bulaya – zigiyemwo.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Brezili (Brazilian Football Confederation) hamwe n’umurwi Santos bavuga ko Pele yinjije ibitsindo 1.283 mu nkino 1.367, mu gihe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, rivuga ko yinjije 1281 mu nkino 1366.
Mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose ryo mu 1962, Pele, ico gihe yari afise imyaka 21, yarinjije igitsindo ciwe bwite igihe Bresil itsinda Mexique 2-0 mu rukino rwabo rwo kwugurura, ariko mu rukino rwakurikiye yaravunitse maze aca aba umurorerezi mu bandi araba ingene umurwi wiwe urwanira igikombe cawo.
Igice ca nyuma c’ibikombe bitatu vy’isi yatsindiye nico cabaye rurangiranwa gusumba ibindi vyose. Inyuma yo gusohorwa mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose mu 1966 mu Bwongereza, niwe yagiye kuba inkingi y’umurwi rurangiranwa wasatira bikomeye ugatsindira igikombe mu 1970, aho yinjije igitsindo ca mbere mu rukino rwa nyuma rwagiye kurangira Bresil inyagiye Ubutaliyano 4-2.
Kuva ku gukorora amosozi y’umunezero mu gikiriza ca mugenziwe Nilton Santos gushika ahoberwe na kizigenza w’Ubwongereza Bobby Moore, ibihe bidasanzwe vya Pele vyarabandanije mu myaka yakurikiye, bikaba vyigaragaza muri kahise k’umupira w’amaguru.

Yarangirije umwuga wiwe akina mu murwi w’igihangange wa New York Cosmos, akinana n’igihangange c’Ubudagi Franz Beckenbauer hamwe na mugenziwe Carlos Alberto yari mu murwi watahukanye igikombe c’isi yose mu 1970.
Mu 2000, yavuze ati: "Mu muziki hariho Beethoven n’izindi. Mu mupira w’amaguru hariho Pele n’abandi".
Mu matora ngereranyo yakozwe na BBC Sport mu 2020, Pele yatowe nk’umukinyi wa mbere w’igihangange, imbere ya Lionel Messi, Cristiano Ronaldo, Diego Maradona na Johan Cruyff.

Ahavuye isanamu, Getty Images
‘Umuhungu w’igihanange, intwari y'Igikombe c'isi yose, ishusho y'isi yose'
Umwanditsi mukuru mu mupira w’amaguru muri BBC Sport, Phil McNulty
Isanamu ya Pele atambaye agapira ateruwe n’abakinyi bagenziwe hamwe n’abafana inyuma y’igikombe c’isi yose Bresil yatsindiye mu 1970 mu gisagara ca Mexico ni ntibagiranwa mu mitwe y’abantu, iri kumwe n’iyindi sanamu yamamaye cane n’aho nyene atambaye agapira, ahoberana na kizigenza w’Ubwongereza Bobby Moore (aho hejuru), ikimenyetso cerekana kwubahana, inyuma y’aho Bresil itsindiye 1-0 urukino rwo mu matsinda rwabereye i Guadalajara.
Ubukomezi bwiwe bushobora kwerekanwa n’ukungene gusa yashobora guhindura urukino rw’umupira w’amaguru akarugira ikirori ku buhinga bwiwe kama, haba igihe ananiwe no kwinjiza canke ashoboye kwinjiza.
Nk’umwe mu bantu ba mbere b’ibihangange kw’isi muri runo rukino, Pele yarerekanye ubuhinga bwiwe mu mwuga yatanguye akiri umuyabaga gushika agere mu murwi wari utunze cane wa New York Cosmos.
Ahantu hose hakinirwa umupira w’amaguru, izina rya Perle ryitiranywa nawo.

Ahavuye isanamu, BBC Sport

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Getty Images










