Qatar 2022-Brezili Vs Croatia: 'Uzoba umubabaro w’igihe kirekire’

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ntivyategerezwa kurangira uko vyarangiye.
Brezili yarakinye, iragenda gushika mu gice ca kane gishira ica nyuma (1/4) muri rino higanwa ry’igikombe c’isi yose, ariko rero indoto z’uko yari igiye kwerekana ubuhinga budasanzwe gushika muri finale zaraye zirangiye mu marira mu kibuga Education City Stadium.
Croatia yarakweze Brezili buke buke gushika muri wa mwanya w’ama-penalties kugira ngo iyizimirize ibizigizigi vyayo vy’igikombe kigira gatandatu, igihugu co ku mugabane wa Bulaya kikaba caraye gisubiye kuyitembagaza mu kuyikura mw’ihiganwa.
Igihe Neymar yinjiza igitsindo muri wa mwanya w’inyogera, igitsindo catumye anganya ibitsindo na ca gihangange Pele mu murwi nserukiragihugu ku ruhande rw’abagabo, vyaboneka ko yagomba abe intwari ariko yagiye kuva mu kibuga arira, muri uru rukino rushobora kuba ari rwo rwa nyuma kuri we mu gikombe c’isi yose.
Inyuma y’urukino, vyaremejwe ko umumenyereza Tite agiye gutanga imihoho, uyu mugabo w’imyaka 61 akaba yarananiwe no guha igihugu irindi teka ryokwiyongereye ku ryo yagiteye mu 2019 mu gutsindira Copa Amerika, ihiganwa ry’igikombe ca Amerika y’Epfo, mu gihe Neymar nawe yavuze ko ashobora gukukuruka mu nkino mpuzamakungu.
Bamaze gutsindwa, Tite yavuze ati: "Mu vy’ukuri biragoye cane. Ariko ni iherezo ryanje mu murwi nserukiragihugu wa Brezili. Narabivuze haraciye umwaka n’inusu”.
Umuhinga mu bijanye n’umupira w’amaguru muri Amerika y’Epfo Tim Vickery yavugiye kw’iradiyo BBC Radio 5 Live ati: "Uru ni urupfu mu muryango.
"Niko bigiye kugendera abafana ba Brezili mu masaha ari imbere. Croatia irashize mu kigandaro iki gihangange mu mupira w’amaguru. Ni ukuri iki kizotera umubabaro w’igihe kirekire .
"Ndizeye ko abantu batazobatako ishavu. Abanyabrezili barashobora kurakara. Ariko ndizeye ko ata ngaruka mbi iza kuba kuko si yo mpembo uyu murwi ukwiriye”.
Neymar ni we yari gutera penalty ya mbere?
Iminota 90 ya mbere yari iryoheye ijisho, ariko impande zompi vyaranse ko zitsindana, biba ngombwa ko baja muri wa mwanya w’inyongera (prolongation/Extra time).
Croatia imaze gushika aho incuro umunani mu nkino icenda yakinye muri ca gice co gukuranamwo mu nkino nkuru nkuru.
Neymar yibajije ko yari agarukiye igihugu ciwe mu gihe nyaco cari kimukeneye cane, maze yinjiza igitsindo ku mupira bari bagiye bahererekanya n’ubuhinga bwinshi.
Igitsindo yinjije ku munota wa 106 cagize 77 atsindiye igihugu ciwe, gutyo aba anganije n’igihangange Pele nk’uko ibiharuro vya FIFA bivyerekana.
Ariko Bruno Petkovic yarakigomboye inyuma y’iminota ine gusa – mbere ukaba ari wo mupira wonyene Croatia yateye mw’igori (ikizwi nka tir cadre/shot on target) – cayigaruriye amahirwe yo kubandanya, iritwara neza ishobora gushika muri wa mwanya w’ama-penalties.
Abakeba ni bo batamvye baratarika mu gihe Neymar wewe vyanse ko yigumya mu kibuga, ararira, arihanagura, biranka!
Ni we yari gutera iya gatanu ariko ntivyakunze inyuma y’aho Marquinhos atereye iya kane ikagwa ku nkingi y’igori, biba birarangiye.
Si ryo herezo rya mbere riteye agahinda kuri we.

Ahavuye isanamu, BBC Sport
Mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose ryabereye mu gihugu ciwe mu 2014, Neymar yarirangije n’imvune mu mugongo, ubu hakaba haciye imyaka ine bakubiswe n’Ububirigi bageze aho nyene.
Mu rukino rwa nijoro, yabaye umwe mu bakinyi bavuye mu kibuga ubwa nyuma, abafana ba Brezili bicaye mu kibuga badatahura ivyari bihejeje kuba, ivyizigiro bari bafise muri Qatar bigeye akagirire.
Tite ati: "Neymar yari kuba uwa gatanu kuko iyi niyo ikomeye.
"Umutima ntuba uri hamwe na gato, gusa abakinyi baba biteguye iyo bazi ko ari bo batera penalty ya nyuma”.
Ariko uwahoze ari umusatirizi w’Ubudagi Jurgen Klinsmann ntavyemera, aho ku mboneshakure BBC One ati: "Iyaba jewe ni we yari gutera penalty ya mbere. Ni co gihe uba umukeneye kugira ngo ahumurize imitima”.
'Irangira ry’indoto'
Urugendo rwa Brezili mu gikombe c’isi yose rwaraye rusubiriye guhagarikwa n’igihugu c’Ubulaya ku ncuro ya gatandatu yikurikiranya, igihe ca nyuma iheruka gutsinda igihugu co kuri uno mugabane hakaba hari mu 2002 itsinze Ubudagi muri finale.
Uwo mwaka kandi ni ho iherukira gutwara igikombe c’isi yose, ica nyuma muri bitanu ifise, hakaba haciye imyaka 20 kuva igihugu atari ico ku mugabane wa Bulaya gitwaye iki gikombe.
Ibi biharuro si vyiza kuri Brezili.
Iki gihugu co muri Amerika y’ubumanuko gitangura cikwega, kikaba mbere carananiwe no kwinjiza mu gice ca mbere c’urukino mu nkino zaco indwi ziheze muri iri higanwa.
Iyo Vinicius Junior canke Neymar bagakoresha amahirwe bagiye baronka mu gihe ca mbere, vyari kuba ibindi bindi.
Uyu murwi wa Tite wabaye kandi umurwi wa mbere muri kahise k’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose ukuriwe mw’ihiganwa mu gice co gukuranamwo mu gihe ari wo watanguye kwinjiza ica mbere muri wa mwanya w’inyongera.
Hagati aho, igihe igihugu kiza mu kibanza ca mbere kw’isi giherukira mu nkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma ni mu 1998, ikaba yari Brezili nyene.
Tite ati: "Si jewe jenyene ntakaje, ni umurwi wose. Twagerageje gukoresha amahirwe yose twaronse ariko biranka. Twayarwijije - twaronse amahirwe 19 dutera mw’igori 11. Bobo nta na rimwe bari bwaronke akaryo na kamwe ko gutera mw’igori.
"Ndatahura ko ari jewe wa mbere vyavuyeko, ariko ugutsindwa kwacu kwatuvuyeko twese. Ni umupira w’amaguru nta kundi. Igihe kimwe uratsinda, ikindi gihe ugatsindwa”.
Umukuru w’igihugu wa Brezili aherutse gutorwa, Luiz Inacio Lula da Silva, yanditse kuri Twitter ati: "Brezili yarakoze cane. Neymar yinjije igitsindo ciza cane kandi abakinyi bategerezwa kubishimirwa. Ndahereza icubahiro canje abakinyi n’umumenyereza.
"Reka tubandanye urugendo kuko mu buzima nta gucika intege”.
Urubuga ngurukanabumenyi rwo muri Brezili Globo Esporte rwanditse inkuru y’umubabaro “y’irangira ry’indoto”.
Inkuru kuri tite, abakinyi biwe n’abafana bose ba Brezili ikaba igarukiye aho.










