Mario Zagallo: Umunye Brezil yatwaye ibikombe vy'isi 4 yapfuye ku myaka 92

Mario Zagallo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mario Zagallo ni we muntu wenyene yari mu migwi yatsindiye ibikombe bine vy'isi

Umunye Brezil rurangiranwa mu mupira w'amaguru, Mario Zagallo, yatwaye ibikombe 4 vy'isi nk'umukinyi n'umumenyereza, yapfuye afise imyaka 92.

Zagallo yakina ku ruhande mu mugwi wa Brezil nserukiragihugu, watwaye ibikombe vyo mu 1958 na 1962 wikurikiranya, atangura mu kibuga muri izo nkino za nyuma zose.

Yaramenyereje umugwi wafatwa ko ari wo ukomeye kw'isi, warimwo Pele, Jairzinho na Carlos Albeto, gushika mu 1970.

Intsinzi ya nyuma ya Zagallo mu gikombe c'isi yabonetse ari icegera c'umumenyereza Carlos Alberto Parreira mu 1994.

Yaragarutse nk'umumenyereza wa Brezil inyuma y'iryo higanwa, ashikana umugwi nserukiragihugu mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu 1998, aho batsinzwe n'Ubufaransa bwari bwari bwatunganije izo nkino.

Zagallo yabaye umuntu wa mbere atsindiye igikombe c'isi nk'umukinyi hamwe n'umumenyereza - ubu bikaba bimaze gukorwa n'umudagi Franz Becknbauer hamwe n'umufaransa Didier Deschamps.

Ku rubuga rwiwe rwa Instagram handitse:"N'umubabaro mwinshi turabamenyesheje urupfu rw'uwatsindiye igikombe c'isi incuro zine Mario Lobo Zagallo.

"Umuvyeyi, sekuru w'abana yuzuye urukundo, sebukwe w'abakwe n'abakazana n'umugenzi kandi yuzuye ubuntu. Umuntu akunda igihugu asize iragi ry'ibintu yaranguye bikomeye."

Zagallo ni wa nyuma yari akiriho mu mugwi watwaye igikombe c'isi co mu 1958 bakinye urukino rwa nyuma.

Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Brezil (CBF) Ednaldo Rodrigues agira ati:"CBF n'abanye Brezil bose bakunda umupira w'amaguru turagandariye umwe mu bihangange muri urwo rukino.

"CBF yifadikanije n'umuryango hamwe n'abakunzi b'umupira w'amaguru muri ibi bihe vy'umubabaro kubera ishenguruka ry'uyu rurangiranwa mu mupira wacu."

Ikindi gihangange ca Brezil mu mupira w’amaguru, Pele yasandavye itariki 30 Kigarama (12) mu 2022 ku myaka 82.

Mu gihe yari agikina umupira w’amaguru, yinjije ibitsindo 1.281, igitigiri kitarigera gisubira kubaho, mu nkino 1.363 mu myaka 21 yamaze akina umupira w’amaguru, harimwo ibitsindo 77 yatsindiye igihugu ciwe mu nkino 92.

Ni we mukinyi wenyene yatsindiye igikombe c’isi yose incuro zitatu, aho yagiteruye mu 1958, 1962 na 1970, Pele akaba mu 2000 yagenywe nk’umukinyi wa FIFA w’ikinjana.