Pele muri Africa: Ukuri na harabaye

Pele muri Kenya

Ahavuye isanamu, Alamy

Insiguro y'isanamu, Pelé yagendeye Kenya na Uganda hagati mu myaka ya 1970

Na Maher Mezahi

Umwandisti w'inkuru z'umupira w'amaguru

Kuba yari umwirabure wa mbere akiri muto cane abaye icamamare mu nkino mu gihe c’umuzo w’imboneshakure (television), Pelé yarakunzwe n’abanya-Afrika kandi baramwiyumvamwo cane.

Mu gihe urugamba rwo kwikurako ubukoroni rwari rushushe muri Afrika yose mu mpera z’imyaka ya 1950 no mu ntango ya 1960, Pelé yaratumiwe n’ibihugu vyaheruka kuronka ubwigenge (kwikukira) kugira akine mu nkino za kivandimwe n’umugwi wiwe Santos Club FC n’umugwi w’igihugu wa Bresil.

Mu gitabo c’amateka yiwe, Pelé yavuze ko imyaka yakurikiye n’ingendo yabandanije agira muri Afrika ‘’uretse ko vyahinduye uko nabona isi, vyahinduye kandi n’ingene isi yambona’’.

Umwanditsi wa Almanac of FC Santos, , Guilherme Nascimento, yadomye ku kuri mu kuvuga ko ingendo ziwe muri Afrika zabayemwo ‘’inkuru nyinshi ku buryo bigoye gutandukanya umugani n’ivyabaye vy’ukuri’’.

Urugendo rwiwe muri Algeria, nk’akarorero, rwabaye nk’ico wogereranya n’isinema (film).

Mu 1965, Pelé ico gihe yari afise imyaka 24 yashitse mu gihe uwutunganya amasinema Gillo Pontecorvo yariko afata amasanamu ya (sinema) The Battle of Algiers (La Bataille d’Alger/ Intambara ya Alger).

Vyari ibisanzwe rero kubonaa ibiduga vy’intambara birengana bica mu gisagara ca Alger hagati bija Casbah.

Prezida wa Algerie yakunda umupira w’amaguru Ahmed Ben Bella yari yategekanije inkino zibiri za kivandimwe kuri urwo rugendo rwa Pelé – urukino rumwe i Oran ku wa 15 Ruheshi (6) , urundi ku murwa mukuru, Alger, haheze iminsi ine.

Ariko, ku wa 17 Ruheshi (6), umushikiranganji wa Ben Bella ajejwe kwivuna abansi Houari Boumediene yaciye akubita coup d'etat , atembagaza umukuru w’igihugu ku butegetsi aca arafuta urukino rugira kabiri.

Bamwe bu bamenyeshamakuru n’abakurikirana ivya kahise bizewe bemeza ko Boumediene yakoresheje umusumiranyo w’ugushika kwa Pelé mu gusamaza kugira atembagaze ubutegetsi.

 Samuel Eto'o and Pele acknowledge the crowd during during the "90 Minutes for Mandela"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Pele n'uwahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Cameroon Samuel Eto'o baramutsa abafana mu mukino w'icubahiro kuri Nelson Mandela mu 2007

Ingendo nyinshi za Pelé muri Maroc zo ntabidasanzwe vyazibayemwo, ariko nazo zanditse amateka.

Vyavuzwe ko yavuze amajambo meza cane ku ntumwa za Maroc mu gikombe c’isi co muri 1970 muri Mexico, ubona ko bwari ubwa mbere igihugu co muri Afrika kironka itike yo kuja muri iryo higanwa ry’igikombe c’isi kuva kuri Misiri (Egypt) mu 1934.

Mu rundi rugendo, bivugwa ko yoba yaravuze kuri Larbi Ben Barek , umukinyi wa Maroc bari mu runganwe, yakiniye Olympique de Marseille na Atletico Madrid.

Ngo yoba yavuze ati: “Niba ndi umwami wa football, Larbi Ben Barek we aca aba imana’’.

Ubufuniko butandatu bw'icupa kugira ubone Pelé

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ingendo za Pelé muri Nigeria na Repuburika ya Demokrasi ya Congo nazo ni ntibagirwa.

Muri izo ngendo zompi, vyabaye nk’umugani ko yatumye haba amahoro mu gihugu caba kimwakiriye.

Intambara yo hagati mu gihugu muri Nigeria yabica bigacika hagati ya 1967 na 1970, ariko igihe Pele yagirayo urugendo mu 1969 agakina urukino rw’ihayanishwa n’umugwi w’igihugu wa Nigeria, biravugwa ko hashinzwe agahengwe ko guhagarika intambara mu kiringo c’amasaha 48.

‘’Sinzi ko ivyo ari ukuri kwuzuye’’, Pelé niko yanditse mu gitabo ciwe.

Ariko arabandanya ati: “Yamara abanya-Nigeria koko barakoze ibikenewe kugira abanya-Biafra ntibatere Lagos igihe twari tuhari’’, aho akibuka ingene ingabo za gisirikare zari zihari ku bwinshi.

Mu 1976, kompanyi yo muri Amerika ikora soda Pepsi yarakoresheje ukumenyekana kwa Pelé ku mugabane wa Afrika ica iriha ingendo ziwe muri Uganda na Kenya, ico gihe akaba yari yamaze gusezera amahiganwa.

Muri ivyo bihugu, ‘’Umwami’’ yaramenyekanishije ico kinyobwa kandi arabishobora hanyuma aratuganya amahwaniro y’umupira w’amaguru ku bakiri bato muri ivyo bihugu vyompi.

Muri Kenya, abafana binjira aho inkino zibera berekanye ubufuniko bw’amacupa y’ico kinyobwa -butandatu ku bakuze, butatu ku bana.

Pele with Ali Bongo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Pelé ari kumwe na prezida wa Gabon Ali Bongo berekana icese ikibumbano ciwe mu 2012

Mu myaka yakurikiye, Pelé yaragendeye Mozambique, Misiri, Sudan, Senegal na Ghana.

Uretse izo ngendo, ikimenyetso ca Pelé casigura vyinshi ku bakinyi b’umupira w’amaguru barota gushika kure muri Afrika.

‘’Igihe nashika i Buraya, twebwe abanya-Afrika twari dufise Pelé, Mohamed Ali na Eusébio nk’ivyamamare bizwi,’’ bivugwa na Salif Keita, umunya-Mali yahoze ari umukinyi w’umupira w’amaguru.

Umwe mu bakinyi bakomeye b’abanya-Ghana, Abedi ‘Pele’ yanahawe itazirano rifatiye kuri ico camamare ca Bresil.

Yabwiye BBC ati: ‘’Ku binyerekeye, narafatiye cane ku buhangange bwiwe, no kuba naritiriwe izina ryiwe mu gihe canje co gukina no mu nyuma, n’iteka ritagira agaciro.’’

Pelé yamyi ari umuntu aharanira iterambere rya Afrika mu mahiganwa ya Fifa y’igikombe c’isi.

Inzozi ziwe zo hagati mu myaka ya 1970 ko umugwi wo muri Afrika uzotsinda iryo higanwa imbere y’umwaka wa 2000 zama zigarukwako igihe cose haba hagira hatangure iryo higanwa. Birumvikana ko ubutumwa bwiwe bwa nyuma ku mbuga hwaniro bwarimwo amajambo yo gukeza Maroc ku mateka yanditse mu gikombe c’isi ca Qatar.

‘’Sinoreka gukeza Maroc ku rugendo rw’igitangaza. Biraryoshe kubona Afrika iriko irasayangana.’’