Igurishwa rya Neymar: Imigwi Al-Hilal na PSG bumvikanye ku mukinyi w'imbere wa Brezil

Ahavuye isanamu, Getty Images
Paris St-Germain yagiraniye amasezerano yo kugurisha umukinyi w'imbere wa Brezi Neymar n'umugwi Al-Hilal wo mw'ihiganwa ryo muri Arabia Saoudite, ku mahera yoba ashika imiliyoni 90 z'ama Euro.
Kugira uwo mukinyi w'imyaka 31 aje muri uwo mugwi, asabwa ko aba afise ibipimo bimeze neza kandi afise n'impapuro zikwiye.
Neymar yagiye muri PSG aguzwe amafaranga atari bwigere agurwa uwundi mukinyi agera ku miliyoni 222 y'ama Euro mu 2017, ntiyakinye urukino rwugurura ihiganwa ry'uyu mwaka mu Bufaransa ku musi wa gatandatu.
Ntari ku rutonde rw'abakinyi umumenyereza Luis Enrique yipfuza muri uyu mwaka w'inkino.
Ivyo kandi bijanye n'umukenyuro wa PSG wo guheba kuzana abakinyi karuhariwe baguzwe amahera menshi kandi bahembwa imishahara minini.
Neymar yategerezwa guhembwa umushahara ungana na miliyoni 25 z'ama Euro buri mwaka mu Bufaransa.
Yakiniye PSG inkino 173, afasha uwo mugwi gutwara ibikombe 13, harimwo bitanu vya Ligue 1, no gushika mu gice ca nyuma c'inkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo mu 2020.
Ariko igihe yamaze ku mugwa mukuru w'Ubufaransa, yahuye n'ibibazo vyo kuvunika cane ku jisho ry'ikirenge.
Uwo yahoze akinira Barcelone yaheruka kubagwa mu kwezi kwa gatatu, akaba yamaze umwanya wose inkino zari zisigaje adakinye, gusubira kwimenyereza bikaba vyatanguye mu kwezi kw'indwi.
Yarasivye gukina mu nkino z'ibiri za Brezil z'igikombe c'isi ca 2022 inyuma yo gukomerekera mu rukino rwa mbere rwo kwugurura.
Uwo mukinyi w'imbere kandi yarasivye inkino z'igikombe c'ibihugu vyo muri Afrika y'epfo [Copa America] mu 2019 yababaye kw'ijisho ry'ikirenge ry'i buryo, aranamara igihe kirekire adakina mu 2021 yababaye aho nyene.
Inkuru zerekeye ayo masezerano kuri Neymar zivuzwe inyuma y'amasaha 24 Kylian Mbappe asubiye kwimenyerereza hamwe n'umugwi wa mbere wa PSG inyuma y'ibiganiro vyiza bagiraniye n'uwo mugwi.
Uwo mukinyi w'imbere w'imyaka 24 yahora mu ngorane zijanye n'amasezerano bafitaniye na PSG mu gihe we yipfuza kwimukira muri Real Madrid, ariko ubu ashobora kugirana ayandi masezerano mashasha n'uwo mugwi wiwe, kubera amasezerano afise ubu azorangirana n'ici riza.
Mu kwezi guheze, PSG yarahaye uburenganzira Al-Hilal kugiranira ibiganiro na Mbappe, inyuma y'aho uwo mugwi wemeye guca umuhigo mu gutanga imiliyoni 259 z'amapawundi [Amahera akoreshwa mu Bwongereza].
Mu gihe ayo masezerano yoja mu ngiro, azoba aje kwerekana ingene imigwi yo muri Arabia Saoudite ibandanya gukoresha amahera menshi muri iri ci, binashimangire ishaka ry'iryo higanwa ryo kuba rimwe mu yakomeye kw'isi mu myaka mike iri imbere.
Abakinyi nka Karim Benzema, N'golo Kante, Jordan Henderson, Ruben Neves, Sadio Mane na Roberto Firmino bose baramaze kwimukira muri Arabia Saoudite.
Umukinyi rurangiranwa Cristiano Ronaldo yagiye muri Al-Nassr ava muri Manchester United mu kwezi kwa mbere.










