Ikete ryerekana ko Pie XII yari azi ko aba Nazis bariko barahonya Abayahudi imbere cane gusumba uko Vatican ivyemera

Iki n'ikintu gikomeye kuko bitandukanye n'ibizwi ku mugaragaro kandi ubutegetsi bwa Vatican bwagumye bwemeza, ku bwicanyi bwakozwe n'aba Nazi, ko inkuru bwari bufise zitari zitomoye kandi zitanatohojwe neza.

Iryo kete ryabonywe n'umushinguzi w'ivya kera i Vatican, Giovanni Coco, rica ryandikwa ku musi w'Imana mu kinyamakuru co mu Butaliyano Corriere della Sera, bitangiwe uruhusha n'abategetsi ba Ekleziya Katolika, hakoreshejwe ijambo ry'umutwe "Pie XII yari abizi".

Iyo nyandiko yo ku wa 14 ukwezi kwa 12 mu 1942, yanditswe na Padiri Lother Koening, umu 'Jesuit' yari mu bahanganye n'aba Nazi mu Budagi, rikaba ryari ryandikiwe umunyamabanga yihariye wa Papa i Vatican, padiri Robert Leiber.

Kuri Coco, "Ubushasha n'akamaro vy'iyo nyandiko biva ku kuba ubu tumenye, ata gukekerenya ko Ekleziya Katolika yo mu Budagi yarungikiye Pie XII inkuru zitomoye kandi z'ido n'ido z'ubwicanyi bwariko burakorerwa Abayahudi."

Ni co gituma Ekleziya Katolika "yari ifise inkuru ko amakambi yo gukoreramwo ibikorwa biruhisha, mu vy'ukuri vyari ibibanza biciramwo abantu".

Yongerako ati: "Bisa n'uko ivyo vyerekana akigoro ka Ekleziya Katolika, canke muri bamwe bamwe mu bayigize, ko gutangura kwemera ivyabaye."

Inyandiko zakuweko inzitizi (Declassified)

Iryo kete riri muri zimwe mu nyandiko, gushika ubu vuba, zari zibitse mu biro vy'umunyamabanga w'igihugu ca Vatican, nk'uko bivugwa na Coco.

Ku bwa Suzanne Brown-Fleming, umuyobozi w'ivyigwa vya kaminuza mpuzamakungu ku nzu ibitsemwo ivya kera vyibutsa igandagurwa ry'Abayahudi (Musee), i Washington muri Reta Zunze Ubumwe za Amerka, ishirwa ahabona ry'izo nyandiko ryerekana ko Vatican itafashe minenegwe ivyo Papa François yavuze ko "Ekleziya Katolika idatinya kahise."

Papa François yategetse ko ivyanditswe kera ku ntambara bishirwa ahabona mu 2019.

Brown-Fleming yongerako ati: "Hari icipfuzo no gushigikira ko izo nyandiko zihwezwa neza ku rwego rw'ubuhinga, zaba zishigikira canke zitavuga rumwe na Vatican, ni co izo nyandiko zishira ahabona.

Umuhinga muri kahise David Kertzer yabwiye BBC ati: "Mu gushira ahabona ivyanditswe muri ico kiringo na Vatican, haraciye imyaka itatu, twerekanye inyandiko zitandukanye zerekana urugero Papa yari azi uko aba Nazi bariko baragerageza guhonya Abayahudi i Buraya kuva ubwicanyi butangura."

Aheraheza agira ati: "Iki n'ikindi gice ciyongereyeko."

David Kertzer yongerako ko, birenze ku vyo izo nyandiko zerekanye, "icateje isoni ubutegetsi bwa Vatican, n'ukwanka guhangara ako kahise ata kwipfuka mu maso."

Impari kw'iragi rya Pie XII

Izo nyandiko ziherutse gushirwa ahabona zishobora kuzotera impari kw'iragi rya Pie XII, n'isekeza ritavurwako rumwe ryo kumushira mu beranda, ubu ryahagaze.

Abamushigikiye bagumye bavuga bashimitse ko ubutegetsi bwiwe bwakoze butarinze kwiyerekana mu gufasha Abayahudi kandi ko kutagira ico avuze kwari kugira abuze ko abakatolika baba mu bice vy'Uburaya vyigaruriwe n'aba Nazi batabangamirwa gusumba uko vyari bimeze.

Abamugwanya na bo bemeza ko atubahutse gushira ahabona inkuru yari afise n'aho yaguma abisabwa urutitsa n'ibihugu vya rutura vyari vyishize hamwe mu kugwanya Ubudagi.

Kimwe mu bitabo vya Kertzer cerekana kandi ibiganiro birebire kandi vyo mw'ibanga hagati ya Hitler na Pie XII kugira bashike ku mwumvikano wo kutagiranako ibitero.

Impera n'imperuka, ibimenyetso vyerekana ko uruhara rwa Pie XII mu ntambara ya kabiri y'isi rurimwo amadidane. N'aho yafata 'Nazisme' nk'umuhari wa politike w'abapagani uhohotera abakristu, ntiyari umupapa vy'umwihariko yigirayo cane Hitler.

Ntiyanigeze yiyamiriza ku mugaragaro ihonywa ry'abayahudi, n'aho nkeka atari azi neza ubunyamaswa bwariko burakorwa.