Israel - Hamas: Uburusiya bwise Amerika ‘ikiburamutima' inyuma yo kuzibira icemezo ca ONU co guhagarika intambara muri Gaza

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zaraye zizibiye icemezo c’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi categeka ko intambara hagati ya Israel na Hamas muri Gaza ihagarara.

Umwe mu ntumwa z’Uburusiya yavuze ko ata “kwihenda kwoba kuhabaye mu kuvuga ko uno musi uzoba umwe mu misi y’umwijima mu Buseruko bwo Hagati”.

Yiyamirije iyi ngingo y’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, aca acita “igipfamutima”, akavuga ko iyi ngingo yo guhakana icemezo co guhagarika intambara ari “igihano c’urupfu” ku banya-Palestina.

Integuro y’iki cemezo yari ishigikiwe n’ibihugu 97 ikaba yari yateguwe n’igihugu ca Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu.

Muri ano matora yabaye nijoro mu ntumbero yo kwemeza canke guhakana iyi nteguro, ibihugu 13 kuri 15 bigize Inama Nkuru ya ONU vyarayemeje, Amerika yonyene ikaba ari yo yayihakanye, Ubwongereza nabwo ntibagira ico buyivuzeko.

Kubera Reta Zunze Ubumwe za Amerika ari kimwe mu bihugu bitanu ntayegayezwa muri ino nama, bisigura ko iki cemezo kidashobora kuja mu ngiro.

Uwuserukira Uburusiya mu Nama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi ariyamiriza ino ngendo y’”ubugumyi, n’ukwigungirako” vyaranze Amerika kuri ino ntambara ibandanya muri Gaza.

Ati: “Inkurikizi z’ino poritike mpuzamakungu yo kwinumya ni akaburi [irimbi mu kinyarwanda] ku bana b’abanya-Palestina”.

Yabwiye inama nkuru ya ONU ko “tudashobora kandi tudategerezwa” kureka ngo abasivire b’inzirakarengane babandanye bazira “umukino wa poritike”.

Avuga kandi ko poritike mpuzamakungu ya Amerika isize isi “mu muriro” aca agabisha bagenziwe ko bashobora kwisanga bari ku “ruhande atari rwo”.

Hagati aho, ni nkenerwa kumenya ko ku ruhande rwabwo, Uburusiya bwazibiye icemezo ico ari co cose ca ONU kijanye n’igitero cabwo kuri Ukraine. Mu gihe haciye amezi 22 butanguje intambara kuri Ukraine, Uburusiya bubandanya bwirengagiza ivyipfuzo vyose vy’Inama nkuru ya ONU bibusaba kuvana muri Ukraine.

Eka n’Ubushinwa, nabwo bwafashije kugira ngo iyi nteguro iboneke, buriyamiriza ingingo ya Amerika yo kuzibira iki cemezo.

Umuserukizi wayo yavuze ati: "Turababaye cane kandi turicuza kubona Amerika ihakanye ino nteguro”.

Yongerako ati: "Gushigikira ko intambara ibandanya mu gihe uvuga ko witayeho ubuzima n’umugtekano w’abanyagihugu ba Gaza n’ivya nkenerwa vyo kubabeshaho ni ukwivuguruza wewe nyene”.

Mu guhakana iki cemezo, uwuserukira Amerika mw’ishirahamwe ONU yavuze ko integuro yaco “yihuse”, kandi ko “itaganiriweko bikwiye”.

Yongeyeko ko ikintu nyamukuru kidashoboka na gato muri iki cemezo ari ukwiyumvira ivyo “guhagarika intambara ata gisabwe”.

Ati: “Ibi vyoba bihaye akaryo keza Hamas ko kubandanya yikorera ivyo yishakiye, igashobora gusubira kwiyubaka hanyuma igasubira gukora ivyo yakoze ku wa 7 Gitugutu”.

"Iki cemezo kivuga cane cane ko Israel ikwiye kwihoza ibi, ko ikwiye kwemera ko iri terabwoba ritokurikiranwa”.

Yongeyeko y’uko ino nteguro itashizwemwo ivyo Amerika yama isaba, nko kwiyamiriza igitero ca Hamas co ku wa 07 Gitugutu, ari naco nkwezi y’ino ntambara.

Ati: "Ikibabaje ni uko ivyifuzo vyacu hafi ya vyose vyirengagijwe. Ivyavuye muri iki gikorwa cakozwe gihutihuti ni icemezo gihengamye kandi kitajanye n’ukuri”.

“Nta gihugu na kimwe gikwiye kwihanganira ivyo Hamas yakoze ku wa 07 Gitugutu. Iyo habaye na kimwe mu bihugu vyacu gitewe mu buryo nk’ubu, tuba twiteze ko ino nama yemeza uburenganzira bwacu bwo gukingira abanyagihugu bacu”.

Yarangije avuga ko Amerika idashobora gushigikira “ihagarikwa ry’intambara ritagira umushinge” ata kindi rizovamwo “atari ugutera imbuto z’iyindi ntambara”.

Ku ruhande rwabwo, Ubwongereza buvuga ko “budashobora kwemeza icemezo kitiyamiriza amabi yakowe na Hamas” ku banya-Israel ku wa 07 Gitugutu.

Umuserukizi wabwo muri ONU yavuze ko "Israel ikeneye kuba ifise ububasha bwo guhangana n’ibibazo iterwa na Hamas”, ariko akongerako y’uko Israel itegerezwa gukurikiza amategeko mpuzamakungu.

Intambara zirabandanya inzu ku nzu

Ni mu gihe muri Gaza abanyagihugu bavuga ko mu buraruko ibimodoka vy’intambara bitamenwa n’amasasu vyasubiye gukora ibitero, mu bumanuko naho hakavugwa intambara z’urutavanako.

Igisirikare ca Israel kirabandanya ibitero kuri Hamas muri Gaza n’inguvu zose, n’aho kibandanya giterwa igitsure kugira ngo gikore ibishoboka vyose kugira ngo abasivire ntibahagwe.

Mu bumanuko, ingabo za Israel zikora ibitero mu gisagara ca Khan Younis, aharangwa intambara inzu ku nzu.

Mw’ijoro ryakeye, ishami rya gisirikare rya Hamas ryasohoye videwo yerekana ivyakurikiye igitero ca Israel caburijwemwo co kubohoza ba bantu bafatwa bunyagano muri ca gitero co ku wa 07 Gitugutu.

Ino videwo irangira yerekana amasanamu y’ikiziga cuzuye amaraso gisa n’ic’umwe muri aba banyurujwe. Nta ruhande rwigenga rwashoboye guhinyuza ino videwo.

Umuvugizi w’igisirikare ca Israel avuga ko abasirikare babiri bakomeretse cane mu gitero co muri Gaza co kurondera kubohoza izi mpfungwa ariko ko ata n’umwe yashoboye kubohozwa.